ISANO RIRI HAGATI Y’AMAGARA Y’ISI NDIMWA N’IBINYABUZIMA YO KU WA 7 NYAKANGA 2026.
https://youtu.be/Ck1hm_kg4y0 Santé globaleTélécharger Iyo bavuze amagara meza, akenshi twiyumvira amagara y’umuntu. Umuntu atarwaragurika, afungura imfungurwa zikwije ivyunyunyu umubiri ukeneye, akaba abayeheho neza, ahari isuku n’ivyankenerwa. Vyoba bishika tukiyumvira ku magara meza y’ahava ibifungurwa dufungura buri musi? Imbere yo kuronka ibifungurwa bigirira akamaro umuntu, dutegerezwa kuba dufise isi ndimwa ifise ubushobozi
Menya vyinshi𝐌𝐄𝐍𝐘𝐀 𝐈𝐕𝐘𝐎 𝐅𝐎𝐌𝐈 𝐘𝐀𝐑𝐀𝐍𝐆𝐔𝐘𝐄 𝐌𝐔 𝐌𝐘𝐀𝐊𝐀 𝟕 𝐈𝐌𝐀𝐙𝐄 𝐈𝐓𝐀𝐍𝐆𝐔𝐘𝐄 𝐈𝐁𝐈𝐊𝐎𝐑𝐖𝐀
Igice ca gatatu Mu gice ca kabiri, twarababwiye ko mu myaka 7 ishirahamwe FOMI rimaze rihingura ifumbire, yarashoboye kandi kurungika abahinga bayo ku kivi kugira bigishe abarimyi ingene bokubahiriza ingero zashinzwe zo gufumbira imirima hakoreshejwe ifumbire FOMI. Abo bahinga ba FOMI baratanze n’izindi nyigisho zijanye ahanini n’ubuhinga bwo kurima kijambere.
Menya vyinshiMENYA IGIHE CIZA CO GUKORESHA ISHWAGARA YO MU NDIMO
Muri iki gihe abarimyi bariko barasiza bitegurira irima ry’agatasi. Umurimyi ariko aritegurira agatasi, ntiyokwibagira gutegekanya ivyo gukoresha ishwagara yo mu ndimo. Mwokwibaza ico ishwagara yo mu ndimo imaze? Nk’uko abahinga banonosoye ivyo gufumbira isi babivuga ishwagara yo mu ndimo ni ishwagara itandukanye cane n’ayandi mashwagara. KABONEKA Salvator, umwigisha muri kaminuza
Menya vyinshiUMUSHIKIRANGANJI AJEJWE IMIGENDERANIRE N’AYANDI MAKUNGU WA BURKINA FASO ARASHIMA IHANGIRO RY’URUGANDA FOMI MU GUTEZA IMBERE IGISATA C’UBURIMYI
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu muri Burkina Faso, Karamoko Jean Marie Traoré yaragendeye uruganda FOMI, kuri uyu wa kane igenekerezo rya 13 Myandagaro 2026. Uyo mushikiranganji akaba yari mu rugendo rw'akazi hano mu Burundi nk’intumwa y’Umukuru w’Igihugu ca Burkina Faso, Capitaine Ibrahim Traoré. Mw’ijambo ry’ikaze, Icegera c’Umuyobozi Mukuru wa FOMI,
Menya vyinshiISUZUMA RIRABA UKO ISHIRAHAMWE FOMI RIKORA RYISUNZE AMATEGEKO MPUZAMAKUNGU Y’UBUZIRANENGE “ISO”
Kuva ku musi wa kane igenekerezo rya 23 mukakaro 2026,ishirahamwe FOMI ryariko rirasuzumwa n'umuhinga aturuka mw'ishirahamwe risuzuma ubuziranenge kurwego mpuzamakungu rikanatanga insangabushobozi ryo bugihugu ca Suisse SQS.Iryo suzuma ryari ryerekeye ubuziranenge ISO ari nazo FOMI isanzwe ifita indangabushobozi(certificat) kuva mu mwaka wa 2021 nazo akaba ari: ISO 9001:2015,ISO 14001:2015 na
Menya vyinshiUmwimbu w’impeshi ya 2026 muri Burunga
https://youtu.be/cMILHJSkoao Mu kiringo c’impeshi c’umwaka w’irima wa 2025-2026, abarimyi barakuye amaboko mu mpuzu,barasohora isuka,bararima bakoresheje ubuhinga bwo kurima kijambere.Barimye ibiterwa bitandukanye,barakwirikirana imirima neza,bakaba bageze aho basarura umwimbu. Abarimyi bo mu ma komine atandukanye y’intara ya # Burunga barashima umwimbu baronse naho ikirere cabaciriyemwo. Duhereye muri komine # Rumonge neza neza
Menya vyinshiUmwimbu w’impeshi ku biharage n’umuceri muntara ya Butanyerera ( Komine Ngozi na Busoni
https://youtu.be/XL2JoCwQDFI Umwimbu w’impeshi ku biharage n’umuceri muri komine Ngozi na Busoni mu ntara ya Butanyerera n’akarusho k’ifumbire ya FOMIMuri komine Ngozi, twaragendeye umurimyi-mworozi wa kijambere akaba ari n’umugwizambuto zitandukanye, yitwa NDABARUSHIMANA Seleus. Twamusanze aho afise umurima w’ihegitari 11 yarimye ibiharage. Eka n’umuyobobozi w’ibiro bijejwe ibidukikije uburimyi n’ubworozi yari yagendeye uwmurima
Menya vyinshi