dustra
  • Intango
  • Abo Turi
  • Ibicuruzwa vyacu
    • FOMI-IMBURA
    • FOMI-TOTAHAZA
    • FOMI-BAGARA
    • ISHWAGARA
  • Abakozi Bacu
  • Amakuru
  • Twandikire
  • Indimi
    • FRA
    • ENG
    • SWA

MENYA IVYO FOMI YARANGUYE MU MYAKA 7 IMAZE ITANGUYE IBIKORWA

  • Home
  • MENYA IVYO FOMI YARANGUYE MU MYAKA 7 IMAZE ITANGUYE IBIKORWA
  • août 24, 2026
  • REDACTION

Igice ca mbere

Uruganda FOMI rutumbereye mu Maramvya, zone Mutimbuzi muri komine Ntahangwa mu ntara ya Bujumbura. Urwo ruganda rwatanguye gukora mu 2019, ruri hafi y’ikibuga c’indege mpuzamakungu Melchior NDADAYE. FOMI mu majambo yose ni FERTILISANTS ORGANO-MINERAUX INSDUSTRIES. Ni uruganda ruhingura ifumbire y’ikirundi ivanze n’iy’ikizungu. Ako ni akabirya gatuma iyo fumbire ihurumbirwa mu Burundi no mu makungu.

FOMI ihingura ubwoko butatu bw’ifumbire. Hari FOMI Imbura bakoresha mu gutera ku biterwa nka vyose. Ubwoko bugira kabiri ni FOMI Bagara, ikoreshwa mu kubagara ibiterwa vyikira mu kuzimu nk’ibiraya. Hakaba na FOMI Totahaza ikoreshwa mu kubagara ibinyantete n’ibibogaboga bimwe bimwe. Hambavu y’ubwo bwoko 3 bw’ifumbire, uruganda FOMI rurahingura ishwagara y’indimo.

Abahinga mu vyo gufumbira isi bahimiriza abarimyi bafise imirima yiziziwe n’umururazi, kumijagira ishwagara mu murima ukwezi imbere yo gutera. Mu myaka 7 FOMI imaze, yarashoboye guhingura ubwo bwoko 3 bw’ifumbire n’ishwagara y’indimo. Abarimyi barashima ko isi yagarukanye akanovera n’umwimbu uriyongera. Mu gice ca kabiri, tuzobabwira ingene FOMI yafashije mu gutuma isi ndimwa yimbuka kandi igakingirwa.

Tags:

AbarimyiBujumburaBurundiFOMIIfumbireISHWAGARA
MENYA IGIHE CIZA CO GUKORESHA ISHWAGARA YO MU NDIMO
𝐌𝐄𝐍𝐘𝐀 𝐈𝐕𝐘𝐎 𝐅𝐎𝐌𝐈 𝐘𝐀𝐑𝐀𝐍𝐆𝐔𝐘𝐄 𝐌𝐔 𝐌𝐘𝐀𝐊𝐀 𝟕 𝐈𝐌𝐀𝐙𝐄 𝐈𝐓𝐀𝐍𝐆𝐔𝐘𝐄 𝐈𝐁𝐈𝐊𝐎𝐑𝐖𝐀

Inkuru ziheruka

  • 𝐌𝐄𝐍𝐘𝐀 𝐈𝐕𝐘𝐎 𝐅𝐎𝐌𝐈 𝐘𝐀𝐑𝐀𝐍𝐆𝐔𝐘𝐄 𝐌𝐔 𝐌𝐘𝐀𝐊𝐀 𝟕 𝐈𝐌𝐀𝐙𝐄 𝐈𝐓𝐀𝐍𝐆𝐔𝐘𝐄 𝐈𝐁𝐈𝐊𝐎𝐑𝐖𝐀
  • 𝐌𝐄𝐍𝐘𝐀 𝐈𝐕𝐘𝐎 𝐅𝐎𝐌𝐈 𝐘𝐀𝐑𝐀𝐍𝐆𝐔𝐘𝐄 𝐌𝐔 𝐌𝐘𝐀𝐊𝐀 𝟕 𝐈𝐌𝐀𝐙𝐄 𝐈𝐓𝐀𝐍𝐆𝐔𝐘𝐄 𝐈𝐁𝐈𝐊𝐎𝐑𝐖𝐀
  • MENYA IVYO FOMI YARANGUYE MU MYAKA 7 IMAZE ITANGUYE IBIKORWA
  • MENYA IGIHE CIZA CO GUKORESHA ISHWAGARA YO MU NDIMO
  • UMUSHIKIRANGANJI AJEJWE IMIGENDERANIRE N’AYANDI MAKUNGU WA BURKINA FASO ARASHIMA IHANGIRO RY’URUGANDA FOMI MU GUTEZA IMBERE IGISATA C’UBURIMYI

Commentaires ziheruka

Aucun commentaire à afficher.

Category

  • Actualités (8)
  • Informations (1)
  • Uncategorized (26)
  • Vidéo (4)
  • Visite (1)

Tags

Abarimyi Bujumbura Burkina Faso Burundi FOMI Ibidukikije Ifumbire ISHWAGARA KABONEKA Salvator

Twandikire

  • Route de l'Aéroport(RN5)-Zone Mutimbuzi
  • info@fomi.bi

Ibicuruzwa Vyacu

  • FOMI-IMBURA
  • FOMI-TOTAHAZA
  • FOMI-BAGARA
  • ISHWAGARA

Isaha zo gukora

  • Kuwa Mbere :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Kabiri :
    8.00- 17.00
  • Kuwa Gatatu :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Kane - Kuwa Gatanu :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Gatandatu :
    8.00 - 13.00
  • Ku wa Mungu :
    Turugaye

© 2025 FOMI- Designed by Manix MUGISHA.

  • Terms Of user
  • License
  • Support
dustra