Muri iki gihe abarimyi bariko barasiza bitegurira irima ry’agatasi. Umurimyi ariko aritegurira agatasi, ntiyokwibagira gutegekanya ivyo gukoresha ishwagara yo mu ndimo. Mwokwibaza ico ishwagara yo mu ndimo imaze?
Nk’uko abahinga banonosoye ivyo gufumbira isi babivuga ishwagara yo mu ndimo ni ishwagara itandukanye cane n’ayandi mashwagara. KABONEKA Salvator, umwigisha muri kaminuza akaba n’umuhinga mu vyo gufumbira isi, asigura ko ishwagara yo mu ndimo ari ishwagara itunze ivyunyunyu calcium (CaO) na magnesium (MgO). Ivyo vyunyunyu ni vyo vyonyene bishobora kurwanya icunyunyu kibi cane gitera umururazi ari co aluminium. KABONEKA Salvator ahanura abarimyi biteguriye agatasi gutegura neza indimo, bagashiramwo ishwagara n’imiburiburi ukwezi kumwe imbere yo guteragira imbuto. Hambavu y’iyo shwagara y’indimo , uwo muhinga asaba abarimyi kwitwararika n’ubundi buhinga abafundi b’indimo babigisha.
Mwomenya ko uruganda FOMI rusanzwe ruhingura ishwagara nziza y’indimo ku buhinga bwizewe kandi ko umurimyi wese ayipfuza ashobora kuyironka.
