- septembre 5, 2026
- REDACTION
πππππ ππ π ππππ§π
Mu gice ca mbere twarababariye ko mu myaka 7 uruganda FOMI rumaze, hahinguwe ubwoko 3 bwβifumbire hamwe nβIshwagara yβindimo. Ubwo bwoko 3 bwβifumbire ni FOMI Imbura, FOMI Bagara na FOMI Totahaza. Ubwo bwoko 3 bwβifumbire burimwo ivyunyunyu bitandukanye ibiterwa bikenera. Nico gituma abahinga mu bushikiranganji bwβuburimyi, abo muri FOMI hamwe n’abo muri kaminuza yβUburundi bashizeho ingero abarimyi bokwisunga bivanye nβubwoko bwβigiterwa kugira baronke umwimbu.

Mu myaka 7 FOMI imaze, abakozi bayo bakukira ubuyobozi bujejwe uburimyi na cane cane mu gisata co kumenyekanisha ivyo FOMI ihingura, baragendeye abarimyi kugira babigishe ingene bokwubahiriza neza ingero zashinzwe nβabahinga ku bijanye nβifumbire zihingurwa nβuruganda FOMI.
Abarimyi barakengurutse cane izo nyigisho kuko basanze bahora babikora ukutariko bigatuma bahomba. Uko imyaka yagiye irakurikirana bakoresha ifumbire FOMI, abarimyi bahavuye basanga iyo fumbire igwiza umwimbu kandi nβisi igarukana akanovera. Kuva mu 2019, uko abarimyi bagenda barakoresha ya shwagara yβindimo ivura umururazi, niko uburinganire bwβisi yiganziwe nβumururazi bwagenda buragabanuka. Ico kikaba kiri mu bintu abarimyi bakenguruka ku kanovera karanga ifumbire yβikirundi ivanze nβiyβikizungu FOMI. Ivyatsi vyari vyarahonye, ubu vyarasubiriye kwimeza aho hose abarimyi bakoresheje ifumbire FOMI.
Mu yandi majambo, FOMI imaze imwaka 7 iterera mu kugwiza umwimbu no mu gusubisa isi akanovera. Mu gice ca gatatu tuzobabwira ivyo FOMI imaze gukora mu gisata co gukingira ibidukikije.