dustra
  • Intango
  • Abo Turi
  • Ibicuruzwa vyacu
    • FOMI-IMBURA
    • FOMI-TOTAHAZA
    • FOMI-BAGARA
    • ISHWAGARA
  • Abakozi Bacu
  • Amakuru
  • Twandikire
  • Indimi
    • FRA
    • ENG
    • SWA

πŒπ„ππ˜π€ πˆπ•π˜πŽ π…πŽπŒπˆ π˜π€π‘π€ππ†π”π˜π„ πŒπ” πŒπ˜π€πŠπ€ πŸ• πˆπŒπ€π™π„ πˆπ“π€ππ†π”π˜π„ πˆππˆπŠπŽπ‘π–π€

  • Home
  • πŒπ„ππ˜π€ πˆπ•π˜πŽ π…πŽπŒπˆ π˜π€π‘π€ππ†π”π˜π„ πŒπ” πŒπ˜π€πŠπ€ πŸ• πˆπŒπ€π™π„ πˆπ“π€ππ†π”π˜π„ πˆππˆπŠπŽπ‘π–π€
  • septembre 5, 2026
  • REDACTION

π™„π™œπ™žπ™˜π™š π™˜π™– π™ π™–π™—π™žπ™§π™ž

Mu gice ca mbere twarababariye ko mu myaka 7 uruganda FOMI rumaze, hahinguwe ubwoko 3 bw’ifumbire hamwe n’Ishwagara y’indimo. Ubwo bwoko 3 bw’ifumbire ni FOMI Imbura, FOMI Bagara na FOMI Totahaza. Ubwo bwoko 3 bw’ifumbire burimwo ivyunyunyu bitandukanye ibiterwa bikenera. Nico gituma abahinga mu bushikiranganji bw’uburimyi, abo muri FOMI hamwe n’abo muri kaminuza y’Uburundi bashizeho ingero abarimyi bokwisunga bivanye n’ubwoko bw’igiterwa kugira baronke umwimbu.

Mu myaka 7 FOMI imaze, abakozi bayo bakukira ubuyobozi bujejwe uburimyi na cane cane mu gisata co kumenyekanisha ivyo FOMI ihingura, baragendeye abarimyi kugira babigishe ingene bokwubahiriza neza ingero zashinzwe n’abahinga ku bijanye n’ifumbire zihingurwa n’uruganda FOMI.

Abarimyi barakengurutse cane izo nyigisho kuko basanze bahora babikora ukutariko bigatuma bahomba. Uko imyaka yagiye irakurikirana bakoresha ifumbire FOMI, abarimyi bahavuye basanga iyo fumbire igwiza umwimbu kandi n’isi igarukana akanovera. Kuva mu 2019, uko abarimyi bagenda barakoresha ya shwagara y’indimo ivura umururazi, niko uburinganire bw’isi yiganziwe n’umururazi bwagenda buragabanuka. Ico kikaba kiri mu bintu abarimyi bakenguruka ku kanovera karanga ifumbire y’ikirundi ivanze n’iy’ikizungu FOMI. Ivyatsi vyari vyarahonye, ubu vyarasubiriye kwimeza aho hose abarimyi bakoresheje ifumbire FOMI.

Mu yandi majambo, FOMI imaze imwaka 7 iterera mu kugwiza umwimbu no mu gusubisa isi akanovera. Mu gice ca gatatu tuzobabwira ivyo FOMI imaze gukora mu gisata co gukingira ibidukikije.

Tags:

AbarimyiBurundiFOMIIfumbireISHWAGARA
MENYA IVYO FOMI YARANGUYE MU MYAKA 7 IMAZE ITANGUYE IBIKORWA
πŒπ„ππ˜π€ πˆπ•π˜πŽ π…πŽπŒπˆ π˜π€π‘π€ππ†π”π˜π„ πŒπ” πŒπ˜π€πŠπ€ πŸ• πˆπŒπ€π™π„ πˆπ“π€ππ†π”π˜π„ πˆππˆπŠπŽπ‘π–π€

Inkuru ziheruka

  • πŒπ„ππ˜π€ πˆπ•π˜πŽ π…πŽπŒπˆ π˜π€π‘π€ππ†π”π˜π„ πŒπ” πŒπ˜π€πŠπ€ πŸ• πˆπŒπ€π™π„ πˆπ“π€ππ†π”π˜π„ πˆππˆπŠπŽπ‘π–π€
  • πŒπ„ππ˜π€ πˆπ•π˜πŽ π…πŽπŒπˆ π˜π€π‘π€ππ†π”π˜π„ πŒπ” πŒπ˜π€πŠπ€ πŸ• πˆπŒπ€π™π„ πˆπ“π€ππ†π”π˜π„ πˆππˆπŠπŽπ‘π–π€
  • MENYA IVYO FOMI YARANGUYE MU MYAKA 7 IMAZE ITANGUYE IBIKORWA
  • MENYA IGIHE CIZA CO GUKORESHA ISHWAGARA YO MU NDIMO
  • UMUSHIKIRANGANJI AJEJWE IMIGENDERANIRE N’AYANDI MAKUNGU WA BURKINA FASO ARASHIMA IHANGIRO RY’URUGANDA FOMI MU GUTEZA IMBERE IGISATA C’UBURIMYI

Commentaires ziheruka

Aucun commentaire Γ  afficher.

Category

  • ActualitΓ©s (8)
  • Informations (1)
  • Uncategorized (26)
  • VidΓ©o (4)
  • Visite (1)

Tags

Abarimyi Bujumbura Burkina Faso Burundi FOMI Ibidukikije Ifumbire ISHWAGARA KABONEKA Salvator

Twandikire

  • Route de l'AΓ©roport(RN5)-Zone Mutimbuzi
  • info@fomi.bi

Ibicuruzwa Vyacu

  • FOMI-IMBURA
  • FOMI-TOTAHAZA
  • FOMI-BAGARA
  • ISHWAGARA

Isaha zo gukora

  • Kuwa Mbere :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Kabiri :
    8.00- 17.00
  • Kuwa Gatatu :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Kane - Kuwa Gatanu :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Gatandatu :
    8.00 - 13.00
  • Ku wa Mungu :
    Turugaye

Β© 2025 FOMI- Designed by Manix MUGISHA.

  • Terms Of user
  • License
  • Support
dustra