dustra
  • Intango
  • Abo Turi
  • Ibicuruzwa vyacu
    • FOMI-IMBURA
    • FOMI-TOTAHAZA
    • FOMI-BAGARA
    • ISHWAGARA
  • Abakozi Bacu
  • Amakuru
  • Twandikire
  • Indimi
    • FRA
    • ENG
    • SWA

Umwimbu w’impeshi ku biharage n’umuceri muntara ya Butanyerera ( Komine Ngozi na Busoni

  • Home
  • Umwimbu w’impeshi ku biharage n’umuceri muntara ya Butanyerera ( Komine Ngozi na Busoni
  • juillet 21, 2026
  • FOMI

Umwimbu w’impeshi ku biharage n’umuceri muri komine Ngozi na Busoni mu ntara ya Butanyerera n’akarusho k’ifumbire ya FOMI
Muri komine Ngozi, twaragendeye umurimyi-mworozi wa kijambere akaba ari n’umugwizambuto zitandukanye, yitwa NDABARUSHIMANA Seleus. Twamusanze aho afise umurima w’ihegitari 11 yarimye ibiharage. Eka n’umuyobobozi w’ibiro bijejwe ibidukikije uburimyi n’ubworozi yari yagendeye uwmurima w’uwo mugwizambuto.
Uwo mwimbu rero kugira uboneke, NDABARUSHIMANA Seleus amenyesha ko yakurikiranye umurima, akoresha imbuto zirobanuye yongera afumbira umurima wiwe akoresheje igisyogororo na yafumbira Uburundi bwihingurira ariyo FOMI Imbura.
Aho mu ntara ya Butanyerera baranarima n’igiterwa c’umuceri. Uvuye i Ngozi werekeza i Gitega, hari umwonga munini wa Nyakijima, barimamwo ico gioterwa. Igihe tuhashika twasanze hari abariko barimbura. NDAYISENGA Gisèle umwe mu barimyi barimira muri uwo mwonga avuga ko igiterwa c’umuceri kibafitiye akamaro kuko iyo bimbuye neza bituma imiryango yiteza imbere. Akengurukira indongozi z’abahimirije kurima ahatahora harimwa.
BUCUMI Claver arongoye koperative Abatazerinze, akaba kandi anarongoye urunani rw’amakoperative y’abarima umuceri i Ngozi, aratubwira ingene bakorera umurima kugira bashike kukuronka umwimbu mwiza w’umuceri. BUCUMI Claver asigura yuko uwo mwonga bagitangura kuharima, bakoresha ifumbire za kera hamwe n’igisyogororo. Kuva batanguye gukoresha ifumbire FOMI ngo umwimbu wagiye uriyongera. Ubu bakaba biteze amatoni arenga 600.
CIZA Evariste, yaserukiye uwujejwe igisata c’ibidukikije uburimyivn’ubworozi muri vkomine Ngozi amenyesha ko abegwa n’igisata c’uburimyi bakorana neza bisunze ikirangamisi c’irima. Nawe nyene aremeza ko ifumbire ya FOMI iyo yabonetse ku rugero rwiza, bagafumbira imirima bisunze ingero zashinzwe umwimbu uraba mwiza, mbere n’isi ikagarukana akanovera aho usanga n’ivyatsi vyari vyarahonye bisubira kumera.
Umuceri kandi urarimwa muri komine ya Kirundo. Mu mwonga wa Rugamura w’amahegitari arenga 230, abarimyi twayaze bakaba vuga ko biteguriye kwimbura umuceri warimwe ku gatasi ku mwaka w’irima wa 2025-2026, kandi ko muri iki gihe batanguye kwimbura, ibiciro kw’isoko biriko biragabanuka. Bukuru Pierre arongoye koperative kopako ikorera muri uwo mwonga amenyesha ko hari akarusho ko guhurikira muri koperative gusumba umurimyi arima ukwiwe.
Bukuru Pierre amenyesha ariko bagize ikibazo co kuronka ifumbire ku gihe, ivyatumye umwimbu bari biteze uzogabanuka. Ikindi catumye umwimbu ugabanuka ngo ni uruzuba rwibonekeje muri ako karere gutyo imirima irononekara. Basaba Reta gufasha kugira ifumbire iboneke ku gihe kandi ikwiye.
Muri zone ya Busoni muri komine Busoni mu ntara ya Butanyerera hoho ngo biteze umwimbu mwiza. Uwurongoye iyo zone avuga ko naho ifumbire ya @FOMI itabonetse kurugero rushimishije, abarimyi bitabiriye akamo ko gukoresha imyavu ya nyabarega gutyo birafasha kugwiza umwimbu. Ikindi amenyesha nuko n’ikirere bcabaye ciza.
MAJAMBERE Révérien arongoye zone ya #Busoni.
Muri rusangi rero mu ntara ya Butanyerera barashimishwa n’ingene umwimbu w’impeshi wifashe. Adelin NIYONSABA arongoye ibiro bijejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi muri iyo ntara, avuga ko ibiciro biriko biragabanuka ku masoko.
Naho biruko Adelin Niyonsaba avuga ko iyo ntara yahuye n’ibibazo bijanye n’ikirere kitagenze neza. Akavuga ko bamaze kwiha ihangiro ryo gukora kugirab iyo ntara isubireb ibe ikigega c’igihugu.
Mu ntumbero yo gufasha abarimyi kugwiza umwimbu, uruganda FOMI uko ivyankenerwa bigenda biraboneka niko ruhingura ifumbire hama ikaronswa abarimyi. Naho urugero rwifumbire rutarakwira, ihangiro ni uguhingura ifumbire y’akanovera, ikwiye hanyumla ikayironsa abarimyi ku gihe

NGOZI : UMUGWIZAMBUTO FELIX NIYONZIMA YITEZE UMWIMBU MWIZA W’IBIGORI YARIMYE MURI NZERO 2026
Umwimbu w’impeshi ya 2026 muri Burunga

Inkuru ziheruka

  • Umwimbu w’impeshi ya 2026 muri Burunga
  • Umwimbu w’impeshi ku biharage n’umuceri muntara ya Butanyerera ( Komine Ngozi na Busoni
  • NGOZI : UMUGWIZAMBUTO FELIX NIYONZIMA YITEZE UMWIMBU MWIZA W’IBIGORI YARIMYE MURI NZERO 2026
  • INKEBUZO
  • Umusi mukuru wahariwe abakozi n’akazi

Commentaires ziheruka

Aucun commentaire à afficher.

Category

  • Actualités (2)
  • Uncategorized (25)
  • Vidéo (4)

Twandikire

  • Route de l'Aéroport(RN5)-Zone Mutimbuzi
  • info@fomi.bi

Ibicuruzwa Vyacu

  • FOMI-IMBURA
  • FOMI-TOTAHAZA
  • FOMI-BAGARA
  • ISHWAGARA

Isaha zo gukora

  • Kuwa Mbere :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Kabiri :
    8.00- 17.00
  • Kuwa Gatatu :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Kane - Kuwa Gatanu :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Gatandatu :
    8.00 - 13.00
  • Ku wa Mungu :
    Turugaye

© 2025 FOMI- Designed by Manix MUGISHA.

  • Terms Of user
  • License
  • Support
dustra