dustra
  • Intango
  • Abo Turi
  • Ibicuruzwa vyacu
    • FOMI-IMBURA
    • FOMI-TOTAHAZA
    • FOMI-BAGARA
    • ISHWAGARA
  • Abakozi Bacu
  • Amakuru
  • Twandikire
  • Indimi
    • FRA
    • ENG
    • SWA

Umwimbu w’impeshi ya 2026 muri Burunga

  • Home
  • Umwimbu w’impeshi ya 2026 muri Burunga
  • juillet 21, 2026
  • FOMI

Mu kiringo c’impeshi c’umwaka w’irima wa 2025-2026, abarimyi barakuye amaboko mu mpuzu,barasohora isuka,bararima bakoresheje ubuhinga bwo kurima kijambere.Barimye ibiterwa bitandukanye,barakwirikirana imirima neza,bakaba bageze aho basarura umwimbu.

Abarimyi bo mu ma komine atandukanye y’intara ya # Burunga barashima umwimbu baronse  naho ikirere cabaciriyemwo. Duhereye muri komine # Rumonge neza neza k’umutumba wa Buzimba i Busebwa,abarimyi barimira mu kigo kigwiza imbuto caho ku Buzimba ,barashima umwimbu baronse nkuko bivugwa nankuko na Eric NIYONGABO arongoye ico kigo.

Abarimyi banzwe barimira muri ico kigo co ku Buzimba barakenguruka umwimbu w’ibiharage baronse ,ivyo bakabikesha ubuhinga bakoresha bwo kurima kijambere tutibagiye gutabiza ifumbire Fomi Imbura ifise uruhara rukomeye mu kugwiza umwimbu.

Muri komine #Nyanza iri mu ntara ya Burunga nyene,abarimyi b’igiterwa c’umuceri barimira muri zone Bukeye mu mwonga wa GAGI Mugweji,barashima umwimbu wo ku mpeshi baronse. Uwo mwimbu bawukesha ubuhinga bahabwa n’abafundi b’indimo hamwe n’ifumbire z’uruganda FOMI bakoresha mu gufumbira imirima yabo ituma baronka umwimbu ushimishije.

EGERUMUKAMA Aimable nawe arongoye igisata c’ibidukikije,uburimyi n’ubworozi muri komine Nyanza ari nawe akurikirana abarimyi muri iyo komine ya Nyanza. Aravuga  muri rusangi ingene umwimbu wo ku mpeshi wagenze ,agashingira intahe Ifumbire z’uruganda FOMI ko zifise akamaro ntangere mu kugwiza umwimbu no mukugarukana akanovera isi ndimwa.

Muri komine Makamba ,umwimbu w’impeshi wagenze neza naho ikirere cabaciriyemwo ntibaronka umwimbu bari bipfuza.Astère NDAYIZEYE ni umugwizambuto arimira k’umusozi wa Muyaga muri zone Kayogoro. Avugako mu kiringo amaze agwiza imbuto z’ibigori n’ibiharage ,aramaze kubona akarusho aramaze kubona akarusho bitanga ku barimyi bahurumbira izo mbuto narirya zifise akabirya ku magara y’abantu kubera ivyunyunyu birimwo n’ibitungwa bidasigaye inyuma.

Uwujejwe igisata c’ibidukikije,uburimyi n’ubworozi muri komine Makamba NIYONGABIRE Fabrice aremeza ko umwimbu wagenze neza muri iyo komine ya Makamba,naho ihindagurika ry’ikirere ryabacirimwo.Akemeza ko uwo mwimbu wabonetse kubera gukwirikiza impanuro zo kurima kijambere baha abarimyi hamwe n’ifumbire za FOMI zituma umwimbu wongerekana k’urugero rushimishije.

Muntara ya #BURUNGA muri rusangi umwimbu wo kumeshi ku kiringo c’irima c’umwaka 2025-2026 wagenze neza nk’uko vyemezwa na CONGERA Jean Marie umuyobozi w’ibiro vy’intara bijejwe ibidukikije,uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Burunga. Arahimiriza abarimyi ngo babandanye kugwiza umwimbu,agashimira na Reta y’uburundi yo ishishikara gufata mu mugongo abarimyi mu kubaronsa ifumbire kugiciro kutavuna mu ntumbero kwitezimbere no gutezimbere igihugu.

Umwimbu w’impeshi ku biharage n’umuceri muntara ya Butanyerera ( Komine Ngozi na Busoni

Inkuru ziheruka

  • Umwimbu w’impeshi ya 2026 muri Burunga
  • Umwimbu w’impeshi ku biharage n’umuceri muntara ya Butanyerera ( Komine Ngozi na Busoni
  • NGOZI : UMUGWIZAMBUTO FELIX NIYONZIMA YITEZE UMWIMBU MWIZA W’IBIGORI YARIMYE MURI NZERO 2026
  • INKEBUZO
  • Umusi mukuru wahariwe abakozi n’akazi

Commentaires ziheruka

Aucun commentaire à afficher.

Category

  • Actualités (2)
  • Uncategorized (25)
  • Vidéo (4)

Twandikire

  • Route de l'Aéroport(RN5)-Zone Mutimbuzi
  • info@fomi.bi

Ibicuruzwa Vyacu

  • FOMI-IMBURA
  • FOMI-TOTAHAZA
  • FOMI-BAGARA
  • ISHWAGARA

Isaha zo gukora

  • Kuwa Mbere :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Kabiri :
    8.00- 17.00
  • Kuwa Gatatu :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Kane - Kuwa Gatanu :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Gatandatu :
    8.00 - 13.00
  • Ku wa Mungu :
    Turugaye

© 2025 FOMI- Designed by Manix MUGISHA.

  • Terms Of user
  • License
  • Support
dustra