dustra
  • Intango
  • Abo Turi
  • Ibicuruzwa vyacu
    • FOMI-IMBURA
    • FOMI-TOTAHAZA
    • FOMI-BAGARA
    • ISHWAGARA
  • Abakozi Bacu
  • Amakuru
  • Twandikire
  • Indimi
    • FRA
    • ENG
    • SWA

NGOZI : UMUGWIZAMBUTO FELIX NIYONZIMA YITEZE UMWIMBU MWIZA W’IBIGORI YARIMYE MURI NZERO 2026

  • Home
  • NGOZI : UMUGWIZAMBUTO FELIX NIYONZIMA YITEZE UMWIMBU MWIZA W’IBIGORI YARIMYE MURI NZERO 2026
  • mai 20, 2026
  • FOMI

Abakozi b’uruganda ruhingura ifumbire y’ikirundi ivanze na mva ruganda FOMI baragize urugendo kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 18 Rusama 2026 muri komine ya Ngozi mu ntara ya Butanyerera. Bakaba baragendeye imirima y’umugwizambuto Félix NIYONZIMA iri ku mutumba wa Gitasi muri zone ya Mwumba. Félix NIYONZIMA akaba ahanini agwiza imbuto z’ibiraya, ibigori n’ibiharage. Ku bijanye n’ibigori uwo murimyi amenyesha ko ariko agwiza imbuto z’ibigori mu murima ufise uburinganire bungana n’ihegitari 5. Uwo mugwizambuto avuga ko bateye imbuto z’ibanze bakuye mu kigo ISABU aho biteze itoni zishika 15 z’ibigori. Uwo murimyi asigura ko uwo mwimbu mwiza yiteze utizanye. Avuga ko yakoreye isi ndimwa neza, aramijagira ishwagara y’indimo kugira avure umururazi w’isi. Avuga kandi ko hambavu yo kurima kijambere, yakoresheje n’ifumbire FOMI. Ku bijanye n’ifumbire FOMI, Félix NIYONZIMA amenyesha ko iyo fumbire isubiza isi akanovera, kandi ikagwiza n’umwimbu. Ingorane afise ngo nuko ubu afise itongo rinini ryo kurima ku buryo ifumbire akenera iba nyinshi gusumba bigashika aho ataronka iyikwiranye n’iyo aba yasavye. Ikinddi kintu amenyesha kiri mu bituma ifumbire ikenerwa n’abarimyi iba nyinshi ngo nuko n’abarimyi biyongereye gusumba uko vyahora kera. Asaba Reta gufasha kugira iyo fumbire FOMI iboneke ku gihe kuko bimaze kwigaragaza ko iyo yabonetse ku gihe bituma umwimbu wiyongera gusumba.

INKEBUZO

Inkuru ziheruka

  • NGOZI : UMUGWIZAMBUTO FELIX NIYONZIMA YITEZE UMWIMBU MWIZA W’IBIGORI YARIMYE MURI NZERO 2026
  • INKEBUZO
  • Umusi mukuru wahariwe abakozi n’akazi
  • INAMA KU BAJEJWE GUTANGA IFUMBIRE YA FOMI/GITEGA
  • IGIKORWA CO GUHINGURA IFUMBIRE FOMI KIRABANDANYA

Commentaires ziheruka

Aucun commentaire à afficher.

Category

  • Actualités (2)
  • Uncategorized (23)
  • Vidéo (4)

Twandikire

  • Route de l'Aéroport(RN5)-Zone Mutimbuzi
  • info@fomi.bi

Ibicuruzwa Vyacu

  • FOMI-IMBURA
  • FOMI-TOTAHAZA
  • FOMI-BAGARA
  • ISHWAGARA

Isaha zo gukora

  • Kuwa Mbere :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Kabiri :
    8.00- 17.00
  • Kuwa Gatatu :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Kane - Kuwa Gatanu :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Gatandatu :
    8.00 - 13.00
  • Ku wa Mungu :
    Turugaye

© 2025 FOMI- Designed by Manix MUGISHA.

  • Terms Of user
  • License
  • Support
dustra