
Kuva mu 2019 uruganda FOMI rurahingura ifumbire y’ikirundi ivanze n’ifumbire y’ikizungu. Imbere y’umuzo wa FOMI, abarimyi mu gufumbira bakoresha ifumbire mvaruganda igizwe na DAP, KCL na UREE. Izo fumbire mvaruganda naho zatuma umurimyi yimbura, niko isi ndimwa nayo yagenda iratituka. Biciye mu migambi yo gukingira ibidukikije, Amakungu yahavuye apfundika ivyo kugabanya gukoresha ubwo bwoko bw’ifumbire kuko hambavu yo gutitura isi, bwatitura n’amagara y’abantu. Niho mu Burundi havumburwa ubuhinga bwo guhingura ifumbire y’ikirundi ivanze n’ifumbire y’ikizungu. Uruganda FOMI ruhingura ubwo bwoko bw’ifumbire rwuguruwe mu 2019, ruba rubaye urwa mbere muri Afrika. FOMI rero ikaba kuva ico gihe ihingura ubwoko 3 bw’ifumbire: FOMI Imbura, FOMI Bagara na FOMI Totahaza.
Reta y’Uburundi ikaba kandi iri mu bihugu vyiyemeje gukoresha ifumbire y’ikirundi ivanze n’ifumbire y’ikizungu,yaciye ishiraho umugambi wogushigikira abenegihugu biciye mu kubarihira ibice birenga 70% ku giciro c’umufuko w’ifumbire FOMI kuko guhingura ubwo bwoko bw’ifumbire bitwara uburyo bunini. Gushika ubu abarimyi bakaba baronka iyo fumbire biciye mu mugambi PNSEB.
Kuva FOMI ivutse ihangiro nuko ihingura ifumbire y’akanovera, ikayironsa abarimyi ku gihe kandi ikwiye. Abarimyi bamaze kuyikoresha barashinga intahe yuko ifumbire ya FOMI yigenza neza mu murima, iragwiza umwimbu kandi igasubiza isi akanovera. Niko guca ihurumbirwa cane, gutyo ibitigiri vy’abayisaba biriyongera ku mwaka ku mwaka. Uko hasabwa ifumbire nyinshi niko n’ibikoresho vy’ibanze bikenerwa mu guhingura iyo fumbire nziza vyiyongera. Aho bigaca bisaba amafaranga mvamakungu atari make kugira ivyo bikoresho vy’ibanze biva hanze biboneke. Ubukene bw’ayo mafaranga mu Gihugu, bwaratumye urugero FOMI yipfuza guhingurako ifumbire rudakwira. Biri mu bituma bishika abarimyi bakaronka ifumbire idakwiranye n’iyo baba basavye. Naho biri uko, uko Reta y’Uburundi igenda iraha FOMI ya mahera mvamakungu hakiyongerako n’ayo FOMI iba yagurunye mu mabanki niko ivyankenerwa bigenda biraboneka; ifumbire ihinguwe igaca irungikwa mu ntara zitandukanye. Gushika kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2026, uruganda ruriko rurako ukuri kwamye, imiduga nayo ikaba iriko irapakirwa ifumbire kugira yegerezwe abarimyi mu ntara. Naho bishika ifumbire igakeha kubera imvo twavuze aho haruguru, biramaze kwibonekeza ko hari aboba bakoresha iyo fumbire igenewe abarimyi ukutariko mu kuyindandaza ku biro, mu kuyinyegeza kugire bayidandaze umurengera mbere tudasize inyuma aboba bayishora mu bindi bihugu biciye mu kinywabi. Iyo ngendo iza yunyura ibintu. Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yarateye akamo indongozi, abajejwe intwaro n’igipolisi gufasha kurwanya abafise iyo ngendo y’ububisha kuko isubiza inyuma Igihugu, umurimyi akabura ya fumbire Reta iba yamurihiye amafaranga atari make kugira agwize umwimbu. Nkuko Umukuru w’Igihugu yabitegetse, umurundi wese yarakwiye kuba maso, agaterera mu gufasha kudoma urutoke abo bose batuma ifumbire idashikira umurimyi. Abamenyeshamakuru bofasha mu gutohoza no mugutanga inkuru ku bijanye n’itangwa ry’ifumbire kuva ku ma zone gushika ku mitumba.
FOMI ikaba iri ku kivi kugira ibandanye ihingura ifumbire imaze kwubaka izina ryiza mu Burundi no mu makungu kubera akaranga n’akanovera kayo.


