

Ubuyobozi bujejwe itunganywa ryubahiriza ubuziranenge mw’ishirahamwe FOMI,aribwo bita Direction Management de Qualité,bwaratunganije uruganda rwo guhimiriza abarongoye ibisata vy’ubuzi bitandukanye biri mw’ishirahamwe FOMI,ivyababa vyabo,hamwe n’abanyamabanga b’abayobozi bakorera mw’ishirahamwe FOMI,ku nyifato ibereye, umukozi wese yogenderako mu kazi.Urwo ruganda rwatunganijwe kw’igenekerezo rya 25 ntwarante umwaka wa 2026,mu kibanza c’amanama ca FOMI .
Abitavye urwo ruganda bahimirijwe kwama bitwararika gukoresha neza ibikoresho vy’ishirahamwe: -umuyagankuba,amazi,inyubakwa;kwubahiriza itunganywa ry’imicafu n’ibikoresho vyaheze;kugura ibikoresho bizira akanenge bitagira ico vyonona ku buzima bw’abakozi n’ibidukikije;gukoresha ubuhinga bwa none kugira birinde isesagurwa ry’ibikoresho bimwe bimwe n’impapuro; kwubahiriza amabwirizwa yanditse ku vyapa biri mw’ishirahamwe ;guhanahana amakuru ajanye n’ivy’akazi igihe cose bikenewe, n’ibindi vyose bitunganijwe kugira akazi kagende neza.
Abitavye urwo ruganda bose ,basabwe kubibwira abo barongoye mu kazi no kuvyubahiriza.





