dustra
  • Intango
  • Abo Turi
  • Ibicuruzwa vyacu
    • FOMI-IMBURA
    • FOMI-TOTAHAZA
    • FOMI-BAGARA
    • ISHWAGARA
  • Abakozi Bacu
  • Amakuru
  • Twandikire
  • Indimi
    • FRA
    • ENG
    • SWA

umwizero ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije butanze kw’ikena ry’ifumbire #Fomi.

  • Home
  • umwizero ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije butanze kw’ikena ry’ifumbire #Fomi.
  • décembre 4, 2025
  • FOMI

Mu ruganda ishirahamwe #MAC ryatunganije kuri uyu wa kane muri Hotel Source du Nil mu gisagara ca #Bujumbura, mu ntumbero yo kwihweza ibikorwa rimaze kurangura kuva mu 2022 gushika mu 2025, abafashe amajambo bose bashimye inyigisho bahawe n’abakozi ba FOMI zijanye n’ukuntu bofumbira isi ndimwa bakoresheje ifumbire FOMI.
Uwurongoye #MAC NDUWIMANA Aimé Pascal yamenyesheje ko muri iyo myaka ariho begereye abarongoye FOMI kugira bafashe abanywanyi ba MAC inyigisho z’ijanye no kurima kijambere bakoresheje ifumbire FOMI. Yatanze akarorero ku ngendo zakozwe mu ntara z’igihugu aho abakozi ba FOMI basanga abarimyi ku kivi babaronsa izo nyigisho. Aho abarongoye amadini ahurikiye muri MAC batanguriye gushira mu ngiro ivyo bigishijwe n’abakozi ba FOMI, umwimbu w’uburimyi wateye wiyongera mu mirima yabo. Abafashe amajambo muri abo barongoye amadini, bakengurutse kubona ifumbire FOMI yaratumye umwimbu wiyongera, ubukarihe bw’isi nabwo bugatera bugabanuka kubera ishwagara yo mu ndimo ihingurwa na FOMI.
Mu bibazo bashikirije, basavye ko ifumbire yoza irabashikira kare kuko iyo itevye ituma wa mwimbu utaboneka. Icegera c’umuyobozi mukuru wa FOMI Ir. Herménégilde MANYANGE yamenyesheje ko FOMI na MAC bazobandanya bakorana kugira ibikorwa bitere bija imbere gusumba. K’uruhande rw’ubushikiranganji bw’Uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije, Umwunganizi w’umushikiranganji ari nawe yamuserukiye muri urwo ruganda, BUTOYI Léonard yamenyesheje ko iteba ry’ifumbire rituruka ahanini ku bitigiri vy’abayisaba vyiyongera ku mwaka ku mwaka. Agahumuriza abarimyi ko FOMI imaze kwagura uruganda kandi ko iriko yubaka n’urundi kugira ihingure ifumbire irengeye iyisabwa mu gihugu mbere haboneke n’iyo gushorera mu makungu.

Umugwi ukina umupira wa maguru w’u Burundi Aigle noir wakinye urukino na ASAS Djibouti Télécom yo mu gihugu ca Djibouti.
ISHIRAHAMWE FOMI NTA TERABWOBA IRIKO IRAGIRA KUMUSHIKIRANGANJI AJEJWE UBUTUNZI MU BURUNDI

Leave a comment

Cancel reply

Inkuru ziheruka

  • ISHIRAHAMWE FOMI RIRI KUMURINDI MWIZA WO GUHINGURA NO GUTANGA IFUMBIRE MUGIHUGU C’UBURUNDI
  • Ikiganiro ishirahamwe FOMI ryahaye abamenyesha amakuru cerekeye umwimbu n’itangwa ry’ifumbire vyo ku wa 31 Kigarama 2025.
  • ISHIRAHAMWE FOMI NTA TERABWOBA IRIKO IRAGIRA KUMUSHIKIRANGANJI AJEJWE UBUTUNZI MU BURUNDI
  • umwizero ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije butanze kw’ikena ry’ifumbire #Fomi.
  • Umugwi ukina umupira wa maguru w’u Burundi Aigle noir wakinye urukino na ASAS Djibouti Télécom yo mu gihugu ca Djibouti.

Commentaires ziheruka

Aucun commentaire à afficher.

Category

  • Actualités (2)
  • Uncategorized (14)
  • Vidéo (4)

Twandikire

  • Route de l'Aéroport(RN5)-Zone Mutimbuzi
  • info@fomi.bi

Ibicuruzwa Vyacu

  • FOMI-IMBURA
  • FOMI-TOTAHAZA
  • FOMI-BAGARA
  • ISHWAGARA

Isaha zo gukora

  • Kuwa Mbere :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Kabiri :
    8.00- 17.00
  • Kuwa Gatatu :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Kane - Kuwa Gatanu :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Gatandatu :
    8.00 - 13.00
  • Ku wa Mungu :
    Turugaye

© 2025 FOMI- Designed by Manix MUGISHA.

  • Terms Of user
  • License
  • Support
dustra