dustra
  • Intango
  • Abo Turi
  • Ibicuruzwa vyacu
    • FOMI-IMBURA
    • FOMI-TOTAHAZA
    • FOMI-BAGARA
    • ISHWAGARA
  • Abakozi Bacu
  • Amakuru
  • Twandikire
  • Indimi
    • FRA
    • ENG
    • SWA

UMUSHIKIRANGANJI AJEJWE IMIGENDERANIRE N’AYANDI MAKUNGU WA BURKINA FASO ARASHIMA IHANGIRO RY’URUGANDA FOMI MU GUTEZA IMBERE IGISATA C’UBURIMYI

  • Home
  • UMUSHIKIRANGANJI AJEJWE IMIGENDERANIRE N’AYANDI MAKUNGU WA BURKINA FASO ARASHIMA IHANGIRO RY’URUGANDA FOMI MU GUTEZA IMBERE IGISATA C’UBURIMYI
  • août 14, 2026
  • REDACTION

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu muri Burkina Faso, Karamoko Jean Marie Traoré yaragendeye uruganda FOMI, kuri uyu wa kane igenekerezo rya 13 Myandagaro 2026. Uyo mushikiranganji akaba yari mu rugendo rw’akazi hano mu Burundi nk’intumwa y’Umukuru w’Igihugu ca Burkina Faso, Capitaine Ibrahim Traoré.

Mw’ijambo ry’ikaze, Icegera c’Umuyobozi Mukuru wa FOMI, Ir. Manyange Herménégilde, yagaragaje akanyamuneza ko kwakira uwo mushitsi muri FOMI, aca agirako ashikiriza muri rusangi ibikorwa nyamukuru uruganda FOMI rurangura kuva mu 2019 mu gisata c’uburimyi, ukugwiza umwimbu no gusubiza isi akanovera karikaratakaye kubera umururazi wibonekeza mu gice kinini c’isi ndimwa mu Burundi.

Yasiguriye abashitsi akarusho k’ifumbire y’ikirundi ivanze n’iy’ikizungu.

Afashe ijambo, Umushikiranganji Karamoko Jean Marie Traoré, yamenyesheje ko kuba yagendeye Uburundi akanashika ahari uruganda FOMI biri mu vyo Umukuru w’Igihugu c’Uburundi yumvikanye na mugenziwe arongoye Burkina Faso igihe yaherukayo, aho bashitse ku masezerano ajanye no guteza imbere ibisata bitandukanye harimwo n’igisata c’uburimyi.

Yarashimye ibikorwa vya FOMI n’ihangiro uruganda rufise mu guteza imbere igisata c’uburimyi. Yavuze ko Burkina Faso yitwararitse ibijanye n’ifumbire narirya abenegihugu baho batunzwe n’uburimyi. Yasozereye ashimishwa n’ukuntu yasanze muri Afrika hariho ukubona kumwe ibijanye no gushikira iterambere nkuko n’Umukuru w’Igihugu ca Burkina Faso abibona.

Tags:

Burkina FasoBurundiFOMI
FOMI : IBIKORESHO VY’IBANZE BIKENEWE MU GUHINGURA IFUMBIRE BIBANDANYA BISHIKA

Inkuru ziheruka

  • UMUSHIKIRANGANJI AJEJWE IMIGENDERANIRE N’AYANDI MAKUNGU WA BURKINA FASO ARASHIMA IHANGIRO RY’URUGANDA FOMI MU GUTEZA IMBERE IGISATA C’UBURIMYI
  • FOMI : IBIKORESHO VY’IBANZE BIKENEWE MU GUHINGURA IFUMBIRE BIBANDANYA BISHIKA
  • ISUZUMA RIRABA UKO ISHIRAHAMWE FOMI RIKORA RYISUNZE AMATEGEKO MPUZAMAKUNGU Y’UBUZIRANENGE “ISO”
  • Umwimbu w’impeshi ya 2026 muri Burunga
  • Umwimbu w’impeshi ku biharage n’umuceri muntara ya Butanyerera ( Komine Ngozi na Busoni

Commentaires ziheruka

Aucun commentaire à afficher.

Category

  • Actualités (4)
  • Uncategorized (26)
  • Vidéo (4)
  • Visite (1)

Tags

Abarimyi Bujumbura Burkina Faso Burundi FOMI Ifumbire

Twandikire

  • Route de l'Aéroport(RN5)-Zone Mutimbuzi
  • info@fomi.bi

Ibicuruzwa Vyacu

  • FOMI-IMBURA
  • FOMI-TOTAHAZA
  • FOMI-BAGARA
  • ISHWAGARA

Isaha zo gukora

  • Kuwa Mbere :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Kabiri :
    8.00- 17.00
  • Kuwa Gatatu :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Kane - Kuwa Gatanu :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Gatandatu :
    8.00 - 13.00
  • Ku wa Mungu :
    Turugaye

© 2025 FOMI- Designed by Manix MUGISHA.

  • Terms Of user
  • License
  • Support
dustra