- août 7, 2026
- REDACTION
Imiduga minini minini irabandanya gushikana ku cicaro gikuru c’uruganda FOMI i Bujumbura, ibikoresho vy’ibanze (matières premières) bikenewe kugira hahingurwe ifumbire y’ikirundi ivanze n’iy’ikizungu.

Abakozi bakaba bariko barapakurura ivyo bikoresho vy’ibanze babishikana mu bubiko, mu gihe hari iyindi ihagaze irindiriye gupakururwa. Uko ivyo bikoresho vya nkenerwa bigenda birashika niko igikorwa co guhingura ifumbire kibandanya. Tubibutse ko FOMI Imbura ariyo fumbire abarimyi bakoresha mu gutera ku biterwa nka vyose.