dustra
  • Intango
  • Abo Turi
  • Ibicuruzwa vyacu
    • FOMI-IMBURA
    • FOMI-TOTAHAZA
    • FOMI-BAGARA
    • ISHWAGARA
  • Abakozi Bacu
  • Amakuru
  • Twandikire
  • Indimi
    • FRA
    • ENG
    • SWA

Umugambi Fomi izokorera i bukemba uzokenera abakozi benshi n’amatongo yagutse kugira iteze imbere igisata c’uburimyi n’ ubworozi .

  • Home
  • Umugambi Fomi izokorera i bukemba uzokenera abakozi benshi n’amatongo yagutse kugira iteze imbere igisata c’uburimyi n’ ubworozi .
  • décembre 2, 2025
  • FOMI

Mu nama yabereye i Gitega ku wa 29 Myandagaro 2025, irongowe n’Umushikirangaji mu vyo ajejwe harimwo uburimyi n’ubworozi, Calinie MBARUSHIMANA, harashikirijwe imigambi mikuru mikuru iriko irashirwa imbere mu ntumbero yo guteza imbere uburimyi buzoshikana Uburundi ku mbonakazoza y’Igihugu cifashe mu 2040, igihugu giteye imbere mu 2060.

Iyo nama ikaba yari yatumiwemwo aberwa n’igisata c’uburimyi bose harimwo abanyamitahe baba mu Burundi canke mu mahanga bipfuza canke basanzwe bakorera mu gisata c’uburimyi.

Ni muri iyo ntumbero, icegera c’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe FOMI, MANYAGE Herménégilde, yashikirije ibiriko birakorwa ubu n’ishirahamwe FOMI kugira baterere muri uyo mugambi. Ir. MANYAGE Herménégilde yamenyesheje ko muri FOMI bariko barubaka uruganda rukomeye i Bukemba muri komine ya RUTANA ruzokoresha abakozi bagera ku 6000. Akamenyesha kandi ko bakeneye amatongo manini kugira bashobore gukora imigambi ijanye no guhingura ifumbire nko kworora, kwubakira abakozi hamwe n’amatongo yagutse yo kugeragerezamwo ifumbire.

Ir. MANYANGE Herménégilde akamenyesha ko akarusho k’urwo ruganda ku gihugu kazoba kanini cane kuko bizotuma haboneka ifumbire nyishi yo guha abenegihugu bo mu Burundi, hamwe niyo gushora mu makungu gutyo hakaboneka amahera mvamakungu.

Iyo nama ikaba yari tatewe iteka n’Umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Uburundi NTAHONTUYE Nestor.

Urugendo rw’Intumwa z’igihugu ca Zimbabwe zagendeye ihinguriro FOMI.
Uwurongoye urwego rugenzura ivy’ifumbire muri tanzaniya arashima ingene uruganda fomi rühingura rukongera rukegereza abarimyi ifumbire

Inkuru ziheruka

  • MENYA IGIHE CIZA CO GUKORESHA ISHWAGARA YO MU NDIMO
  • UMUSHIKIRANGANJI AJEJWE IMIGENDERANIRE N’AYANDI MAKUNGU WA BURKINA FASO ARASHIMA IHANGIRO RY’URUGANDA FOMI MU GUTEZA IMBERE IGISATA C’UBURIMYI
  • FOMI : IBIKORESHO VY’IBANZE BIKENEWE MU GUHINGURA IFUMBIRE BIBANDANYA BISHIKA
  • ISUZUMA RIRABA UKO ISHIRAHAMWE FOMI RIKORA RYISUNZE AMATEGEKO MPUZAMAKUNGU Y’UBUZIRANENGE “ISO”
  • Umwimbu w’impeshi ya 2026 muri Burunga

Commentaires ziheruka

Aucun commentaire à afficher.

Category

  • Actualités (5)
  • Informations (1)
  • Uncategorized (26)
  • Vidéo (4)
  • Visite (1)

Tags

Abarimyi Bujumbura Burkina Faso Burundi FOMI Ifumbire ISHWAGARA KABONEKA Salvator

Twandikire

  • Route de l'Aéroport(RN5)-Zone Mutimbuzi
  • info@fomi.bi

Ibicuruzwa Vyacu

  • FOMI-IMBURA
  • FOMI-TOTAHAZA
  • FOMI-BAGARA
  • ISHWAGARA

Isaha zo gukora

  • Kuwa Mbere :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Kabiri :
    8.00- 17.00
  • Kuwa Gatatu :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Kane - Kuwa Gatanu :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Gatandatu :
    8.00 - 13.00
  • Ku wa Mungu :
    Turugaye

© 2025 FOMI- Designed by Manix MUGISHA.

  • Terms Of user
  • License
  • Support
dustra