

Kuri uyu musi wa gatanu igenekerezo rya 1 Rusama, 2026 niho hahimbajwe umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi kw’isi yose. Hano iwacu i Burundi ukaba wahimbajwe kucivugo”Ibikorwa niryo teka; umurundi wese akoreshe impano yiwe mukubaka imbonakazoza”.Abakozi b’uruganda ruhingura ifumbire y’ikirundi ivanze n’iyikizungu FOMI hamwe n’ayandi mashirahamwe ahurikiye mu runani “ITRACOM HOLDING LTD” bakaba batatanzwe kwifatanya n’abandi bakozi bo mu ntara ya Bujumbura muguhimbaza uwo musi ku civugo ngo : “Hamwe na FOMI, tubungabunge isi ndimwa, tugwize umwimbu, twisunze imbonakazoza”

Mw’ijambo ryiwe icegera c’Umukuru w’igihugu c’Uburundi Prosper BAZOMBANZA ari nawe yarahagarariye ibirori hano mu ntara ya Bujumbura yamenyesheje ko gukunda igihugu na cane cane muri kino gihe twipfuza gushikira imbonakazoza ari gukora ibikorwa yubahiriza amategeko n’amabwirizwa y’igihugu. Uwugikunda aritanga mubikorwa bigifasha gutera imbere kandi ugashira imbere ineza rusangi, gufasha leta kuriha ikori n’amatagisi kurwanya bakaboko, kurya ibiturire no gusesagura amatungo y’igihugu. Gukunda igihugu ni kubungabunga ibidukikije n’isi ndimwa.




