dustra
  • Intango
  • Abo Turi
  • Ibicuruzwa vyacu
    • FOMI-IMBURA
    • FOMI-TOTAHAZA
    • FOMI-BAGARA
    • ISHWAGARA
  • Abakozi Bacu
  • Amakuru
  • Twandikire
  • Indimi
    • FRA
    • ENG
    • SWA

INAMA KU BAJEJWE GUTANGA IFUMBIRE YA FOMI/GITEGA

  • Home
  • INAMA KU BAJEJWE GUTANGA IFUMBIRE YA FOMI/GITEGA
  • mai 1, 2026
  • FOMI

Ubuyobozi bujejwe ubudandaji mw’ishirahamwe FOMI,burabandanya igikorwa bwatanguye co kwegera bongera bigisha abajejwe gutanga ifumbire ya FOMI mu gihugu.Kumusi wa kabiri igenekerezo rya 28 ndamukiza ubwo buyobozi bukaba bwatunganije inama yo kwigisha no guhimiriza abajejwe gutanga ifumbire ya FOMI mu ma zone agize amakomine ya Muramvya, Gitega na Mwaro mu ntara ya Gitega .
Muri iyo nama, umuyobozi w’ubudandaji mw’ishirahamwe FOMI Jean Pierre NZOBANDORA yarashikirije ingene igikorwa co gutanga ifumbire cifashe muri bino bihe, arashikiriza ko ababikora basabwa kubikorana ubwitonzi n’ubukerebutsi mugushira imbere ineza y’umurimyi, kuba akarorero keza imbere y’abo bajejwe gutunganiriza no gukorana neza n’abo mu bushikiranganji bw’Uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije n’abo mu ntwaro.
Ikindi abo batanga ifumbire basabwa ni ukuyishingura neza kugira ntiyononekarire mu bubiko.

Muri iyo nama ikurikiye iyiheruka kubera i Bujumbura, uwujejwe igisata c’ubudandaji muri FOMI Jean Marie NDAYISENGA yibukije abari ngaho ingaruka nziza ziva mu gutanga neza ifumbire . Kuyitanga hatisunzwe amategeko yavuze ko bishikana uwabikoze ku bihano harimwo gukurwa ku rutonde rw’abatanga ifumbire, ugukurikiranwa n’ubutungane n’ibindi.

Uwujejwe igisata kijejwe itunganywa ryubahiriza ubuziranenge muri FOMI Marius BUCUMI yunganiye umuyobozi ajejwe ubudandaji ku bijanye n’inyifato ibereye yoranga abajejwe gutanga ifumbire mu ma zone agize intara za kera za Muramvya, Mwaro na Gitega. Aha yabasavye kwirinda kwakira nabi abakiriya, kubacanishamwo biciye mu kugira nkunzi, guha ifumbire abo itarigenewe n’ibindi. Mwomenya ko muri iyo nama hari abatanzweko akarorero ko bigenza neza bagatako bagatunganya neza akazi bajejwe, mugihe abandi nabo basabwe kubafatirako akarorero keza.
Mu gusozera iyo nama, Umuyobozi w’ubudandaji mw’ishirahamwe FOMI yarishuye ku bibazo abajejwe gutanga ifumbire ya FOMI babajije bijanye n’ingorane bahura nazo muri ico gikorwa co gutanga ifumbire kubarimyi.
Mwomenya ko inama nk’izo zizobandaniriza no muzindi ntara nka Buhumuza, Burunga na Butanyerera.

IGIKORWA CO GUHINGURA IFUMBIRE FOMI KIRABANDANYA
Umusi mukuru wahariwe abakozi n’akazi

Inkuru ziheruka

  • Umusi mukuru wahariwe abakozi n’akazi
  • INAMA KU BAJEJWE GUTANGA IFUMBIRE YA FOMI/GITEGA
  • IGIKORWA CO GUHINGURA IFUMBIRE FOMI KIRABANDANYA
  • KWAMA HAFI ABAKOZI MU KUBAHIMIRIZA NA NTARYO KU NYIFATO IBEREYE MU KAZI ,NI VYO BIRANGA ISHIRAHAMWE FOMI.
  • Igikino KARUBWENGE cakiniwe muntara Butanyerera, komine Kayanza

Commentaires ziheruka

Aucun commentaire à afficher.

Category

  • Actualités (2)
  • Uncategorized (21)
  • Vidéo (4)

Twandikire

  • Route de l'Aéroport(RN5)-Zone Mutimbuzi
  • info@fomi.bi

Ibicuruzwa Vyacu

  • FOMI-IMBURA
  • FOMI-TOTAHAZA
  • FOMI-BAGARA
  • ISHWAGARA

Isaha zo gukora

  • Kuwa Mbere :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Kabiri :
    8.00- 17.00
  • Kuwa Gatatu :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Kane - Kuwa Gatanu :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Gatandatu :
    8.00 - 13.00
  • Ku wa Mungu :
    Turugaye

© 2025 FOMI- Designed by Manix MUGISHA.

  • Terms Of user
  • License
  • Support
dustra