dustra
  • Intango
  • Abo Turi
  • Ibicuruzwa vyacu
    • FOMI-IMBURA
    • FOMI-TOTAHAZA
    • FOMI-BAGARA
    • ISHWAGARA
  • Abakozi Bacu
  • Amakuru
  • Twandikire
  • Indimi
    • FRA
    • ENG
    • SWA

Ikiganiro co gukangurira indero n’indangagaciro ku barongoye Igisata ca Tekinike ca FOMI.

  • Home
  • Ikiganiro co gukangurira indero n’indangagaciro ku barongoye Igisata ca Tekinike ca FOMI.
  • juillet 31, 2025
  • FOMI

Kur’ uyu wa kane igenekerezo rya 31 Mukakaro 2025, ubuyobozi bukuru bw’uruganda FOMI bwatunganije ikiyago ku bakozi barongoye abandi mu gisata c’ubuhinga (Direction Technique). Ico kiyago kikaba cari kirongowe n’icegera c’umuyobozi mukuru wa FOMI Ir. MANYANGE Herménégilde.
Ico kiyago cari cerekeye kwibutsa abakozi uruhara n’ibikorwa bafise mw’iterambere ry’ishirahamwe hamwe n’Igihugu. Yabashimiye yongera arabakeza ku kuntu bitwararika akazi kabo ka misi yose, ukuntu bitanga batiziganya bigatuma uruganda FOMI ruguma rutera imbere mu bijanye n’umwimbu w’ifumbire mu gihugu no kwagura akarere FOMI ikoreramwo mu bindi bihugu nka Tanzania n’ahandi. Ir. MANYANGE akipfuza ko Fomi izokwama ari iya mbere kandi izina FOMI rikazoguma ari rurangiranwa aho hose FOMI izokorera ibikorwa. Yasavye abari muri ico kiyago kubandanya bitwararika gukorana neza n’abakozi bashasha baza mu ruganda kuko ariho hazoza harava kwunguruzwa neza mu kazi (promotion).
Icegera c’umuyobozi mukuru wa FOMI Ir. MANYANGE Herménégilde yabibukije ingingo ngenderwako ku mukozi wese arizo kwubahiriza amategeko y’akazi, kwitwararika kwambara umwambaro ubakingira impanuka mukazi narirya ivyo biri mu mategeko mpuzamakungu ishiramwe FOMI igenderako. Nayo akaba ari ukwitwararika ubuzima bw’abakozi n’umutekano wabo ku kazi. Abaserukira abandi bakozi bo mu ruganda mu gisata c’ubuhinga bahawe akaryo ko kugira ico bashikiriza kugira ibikorwa birushirize kugenda neza. Bashimye kubona indongozi za FOMI zibitwararika zikababa hafi kugira zumve ico abakozi bagona n’ingene akazi kaba kariko karagenda. Biyemeje guhimiriza abo barongoye kugira bose hamwe baterere mu kugwiza umwimbu no mu gukora kugira FOMI igumane ishusho nziza yamanye.
Ikiyago kikaba carangiye mu kanyamuneza aho baciye bafata isanamu y’umuryango bari mu mwambaro w’akazi.

Ihinguriro FOMI ryasubiye kwitera i teka ko rikora ryisunze amategeko mpuzamakungu y’ubuziranenge
Urugendo rw’Intumwa z’igihugu ca Zimbabwe zagendeye ihinguriro FOMI.

Leave a comment

Cancel reply

Inkuru ziheruka

  • Ikiganiro ishirahamwe FOMI ryahaye abamenyesha amakuru cerekeye umwimbu n’itangwa ry’ifumbire vyo ku wa 31 Kigarama 2025.
  • ISHIRAHAMWE FOMI NTA TERABWOBA IRIKO IRAGIRA KUMUSHIKIRANGANJI AJEJWE UBUTUNZI MU BURUNDI
  • umwizero ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije butanze kw’ikena ry’ifumbire #Fomi.
  • Umugwi ukina umupira wa maguru w’u Burundi Aigle noir wakinye urukino na ASAS Djibouti Télécom yo mu gihugu ca Djibouti.
  • Abashikiranganji batatu (3) ba Reta ya RDC baragendeye ihinguriro FOMI.

Commentaires ziheruka

Aucun commentaire à afficher.

Category

  • Actualités (2)
  • Uncategorized (13)
  • Vidéo (4)

Twandikire

  • Route de l'Aéroport(RN5)-Zone Mutimbuzi
  • info@fomi.bi

Ibicuruzwa Vyacu

  • FOMI-IMBURA
  • FOMI-TOTAHAZA
  • FOMI-BAGARA
  • ISHWAGARA

Isaha zo gukora

  • Kuwa Mbere :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Kabiri :
    8.00- 17.00
  • Kuwa Gatatu :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Kane - Kuwa Gatanu :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Gatandatu :
    8.00 - 13.00
  • Ku wa Mungu :
    Turugaye

© 2025 FOMI- Designed by Manix MUGISHA.

  • Terms Of user
  • License
  • Support
dustra