Ishirahamwe rihingura ifumbire y’ikirundi ivanze n’iy’ikizungu mu gihugu c’Uburundi FOMI, ryaritabiriye ubutumire ryahawe n’abajejwe intwaro, bafadikanije n’abajejwe uburimyi, ubworozi n’ibidukikije muntara ya Gitega, mubikorwa vyo gutera ibiti bibana n’indimo kumusi wa kane igenekerezo rya cenda(09) nzero umwaka w’2025, ivyo bikorwa bikaba vyabereye kumusozi gasirwa wo kumutumba Gwingiri muri komine Bugendana muriyo ntara ya Gitega



Uwo musozi mubona niwo Gasirwa, ukaba ubonekako igice kinini kidateyeko ibiti, akaba ariho intumwa z’ishirahamwe FOMI zifatikanije n’abajejwe intwaro ,abajejwe uburimyi,ubworozi nʹibidukikije nʹabandi batari bake bo mu ntara ya Gitega, bahuriye n’abenegihugu mu bikorwa vyo gutera ibiti kuri uwo musozi mu ntumbero yo gukingira ibidukikije.


Inyuma y’ivyo bikorwa, abari ngaho baciye basangira ikiyago na kare igikorwa nk’ico gitegerezwa gukurikiranwa kugira ivyo biti bikure neza, maze biterere mu gukingira ibidukikije udasize inyuma isi ndimwa. Mw’ijambo ryiwe, Umuyobozi w’ibiro bijejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Gitega Uwikunda Oscar yarashimiye ishirahame FOMI ku ntererano yaryo mu bijanye no gukingira ibidukikije biciye muri uwo mugambi wo kugwiza imivyaro y’ibiti no kubitera aho biboneka ko hari ubugararwa.
Eka na Nindemera Marie, umuhanuzi wa buramatari w’intara ya gitega ajejwe intwaro n’ubutunzi akaba ari nawe yari yaserukiye buramatari muri ivyo bikorwa vyo gutera ibiti ku musozi Gasirwa yarakengurukiye Ishirahamwe FOMI kuri ico gikorwa c’iteka irangura hambavu yo guhingura ifumbire ituma umwimbu ugwira , ikanatuma isi ndimwa igarukana akanovera , igakingira amagara y’abantu, n’ibinyabuzima. Akaba asaba FOMI kubandanya ibikorwa nk’ivyo no mu ma komine atarashikirwa y’intara ya Gitega.
Umuyobozi ajejwe uburimyi mw’ishirahamwe FOMI yarakengurutse kw’izina ry’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe FOMI ukungene FOMI yatumiwe kuza kwifadikanya n’abandi muri ico gikorwa n’ingene iryo shirahamwe FOMI risanzwe rikorana neza n’abajejwe intwaro, ndetse n’abajejwe uburimyi, ubworozi n’ibidukikije muntara ya Gitega. Amaze kumenyesha ivyo FOMI imaze kurangura muri uwo mugambi wo gukingira ibidukikije, yateye akamo abenegihugu kubungabunga ivyo biti.
Abenegihugu bari bitavye ivyo bikorwa barashimye cane kubona FOMI yakoze igikorwa nk’ico kizotuma isi ndimwa yabo yimbuka kandi ikingirwa inkukura. Bakiyemeza kubungabunga ivyo biti nkuko babisabwe.
Mu bikorwa vyo gukingira ibidukikije FOMI isanzwe irangura, intumwa za FOMI zirongowe n’umuyobozi ajejwe uburimyi Kanyegeri Cassien zarishikiyw mu ntara ya Kayanza kuri uwo musi nyene, muri komine Muhanga, ahari igitara c’ibiti vyatewe haraciye imyaka 2. Cassien Kanyegeri ajejwe uburimyi muri FOMI akaba ashima ingene yasanze vyifashe yisunze ivyo FOMI yiyemeje mu bijanye no gukingiwa ibidukikije, aca agirako amenyesha n’akamaro uwo mugambi ufitiye ikiremwa muntu muri rusangi.
Ako karorero keza FOMI iriko irarangura mu gukingira ibidukikije , abenegihugu baragakenguruka. Kuri bo mwenivyo bikorwa vyoshigikirwa mu ntumbero yo kubigwiza no mu bundi burere. Nk’uko vyemezwa n’umufundi w’indimo wa komine Muhanga.

Ibikorwa vyo gukingira ibidukikije, ishirahamwe FOMI ribifisemwo uburambe kanatsinda imaze kubironkeramwo n’ivyemeza ko ibishoboye kandi ibikora neza ku rwego mpuzamakungu ivyo bita ISO 14001 nkuko bisigurwa na MANYANGE Herménégilde, icegera c’Umuyobozi Mukuru wa FOMI.
Mwomenyako iryo shirahamwe FOMI ryiyemeje kuzobandanya ryitabira ako kamo ko gushigikira ben’ivyo bikorwa vyo gukingira ibidukikije, muntumbero yo gushira mungiro yambono kazoza y’igihugu c’Uburundi, igihugu cifashe mumwaka wa 2040 n’igihugu giteye imbere mumwaka w’2060.