
Kuwa gatatu w’igenekerezo rya 6 myandagaro 2025 ishirahamwe FOMI ryarakiriye abashitsi bakomoka mu gihugu ca Zimbabwe. Mw ijambo ryo kubakira icegera c’umuyobozi mukuru w’uruganda FOMI Ir Manyange Helménégide yabashikirije muncamake ubuzima bw’uruganda imbere y’ukubasa gukwirikirana ireresi rindondora uruganda hamwe n’abashitsi bakuru bakuru bamaze kugendera uruganda. Bahejeje kuraba iyo reresi, icegera c’umuyobozi mukuru yabajanye kwirabira uko uruganda rukora.
Umupfasoni CHIPO Chivuraise yararongoye abo bashitsi yamenyesheje ko intumbero y’ugo rugendo kwari ukwitaba ubutumire bahawe na ITRACOM HOLDING hama kandi nk abasanzwe bakorera mugisata c’uburimyi baje kugira bihweze uko ifumbire y’ikirundi ivanze n’iyikizungu FOMI ihingurwa na cane cane ko muri zimbabwe basanzwe bafita ingorane zifatiye kukubura ifumbire hamwe n’umwimbu udashemeye muvy’uburimyi.
Yammenyesheje ko banezerewe bakongera bagatangarira ukungene basanze ifumbire FOMI ihingirwa. Basanze hambavu yo gufasha abarimyi kugwiza umwimbu iyo fumbire iragarukana akanovera k’isi ndimwa,aborozi baraheza bakaharonkera isoko ry’amase vyoroshe nanarirya bimwe muvyankenerwa muguhingura ifumbire y ikirundi ivanze n’iyikizungu FOMI amase ni kimwe muvyankenerwa.
Kubw’uyo mupfasoni yararongoye abo bashitsi gushiraho ugukorana hagati y’ishirahamwe FOMI na Leta ya Zimbabwe vyoba ngirakamaro bikazana n akarusho mw’iterambere ry’igihugu ca Zimbabwe biciye mukugwiza umwimbu no gusubiza akanovera isi.
Barangije ugo rugendo umupfasoni y’ararongoye abo bashitsi yateye umukono mu gitabu c’iteka hama baranafata ifoto ya rusangi.