Kw’igenekerezo rya 21 Nyakanga 2025, umugwi wo mu Burundi Aglai Noir wakinye n’umugwi ASAS Djibouti Telecom wo mu gihugu ca Djibouti.
Urwo rukino rwabereye mu ntara ya Bujumbura, ku kibuga Intwari, rurangira imigwi yompi inganije (0–0).
Ihinguriro FOMI, ikora ifumbire , yari mu masosiyete yafashe mu mugongo urwo rukino.
Abayobozi b’ama département atandukanye ya FOMI bari bahishikiye kwirabira urwo rukino.

