dustra
  • Intango
  • Abo Turi
  • Ibicuruzwa vyacu
    • FOMI-IMBURA
    • FOMI-TOTAHAZA
    • FOMI-BAGARA
    • ISHWAGARA
  • Abakozi Bacu
  • Amakuru
  • Twandikire
  • Indimi
    • FRA
    • ENG
    • SWA

ISHIRAHAMWE FOMI NTA TERABWOBA IRIKO IRAGIRA KUMUSHIKIRANGANJI AJEJWE UBUTUNZI MU BURUNDI

  • Home
  • ISHIRAHAMWE FOMI NTA TERABWOBA IRIKO IRAGIRA KUMUSHIKIRANGANJI AJEJWE UBUTUNZI MU BURUNDI
  • décembre 30, 2025
  • FOMI
  1. FOMI nta menace canke iterabwoba iriko iragira ku mushikiranganji w’ubutunzi kuko isanzwe ikorana  neza na Reta y’Uburundi.
  • FOMI itanga ifumbire hisunzwe amasezerano ifitaniye na Reta y’Uburundi. Mur’ayo masezerano ibiharuro biba ari ivy’ibanze, ibiharuro nyezina MINEAGRIE ibimenyesha FOMI abarimyi bahejeje kuriha amahera y’ibanze ariyo vansi. Kubera ihimiriza rya Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi adasiba guhamagarira abarundi bose kwijukira uburimyi, ibiharuro vy’ifumbire ikenewe vyagiye biraduga kumwaka kumwaka. Uyu mwaka wa 2025ABC ibiharuro vyaduze ibice vyababa 20% nk’uko ibiharuro bitangwa n’ubushikiranganji bujejwe Uburimyi buvyerekana. Birashika aho abarimyi basaba ifumbire irenze iyiri mu masezerano kandi nivyo bikunda kuba. Kw’isizeni yose iyo ibiharuro biduze bigasumba ibiri mumasezerano Reta irabimenyesha FOMI. Reta ica ikora amatike ahuriranye n’ibiharuro vyose.
  • FOMI itanga ifumbire gushika kumurimyi muri zone ikoranye n’abakozi bashizweho n’ubushikiranganji bujejwe Uburimyi (distributeurs zonaux). FOMI itanga ifumbire kumurimyi nawe agaha FOMI agatike yahawe na Reta y’Uburundi ibicishije mubushikiranganji bw’Uburimyi kerekana ifumbire aba yagomboye. Twomenyesha kandi ko ububiko bw’ifumbire ihabwa abarimyi butari muntara, buri mumazone kandi ababujejwe  bashizweho n’Ubushikiranganji bujejwe Uburimyi.
  •  Reta iriha FOMI yisunze ubutike yonyene yemeje ko ariyo yabuhaye abarimyi kandi imaze gusuzuma neza ikabona ko ari ubw’ukuri.
  •  Amahera arihwa n’abarimyi kw’ifumbire (avance na solde) ntaja mukigega ca FOMI, aja mukigega ca Reta cagenewe kuyakira (PNSEB), akazoshikira FOMI ifumbire imaze gushikira abarimyi. FOMI irihwa amafranga ahuye n’ifumbire yahaye abarimyi.
  • FOMI iripfuza ko  umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta yoshira imbere ibiganiro gurtyo bikamufasha gushikiriza amakuru atohojwe neza. FOMI iriteguye gutanga  umuco ku mushikiranganji w’ikigega ca Reta mugihe yoba abikeneye.

umwizero ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije butanze kw’ikena ry’ifumbire #Fomi.
Ikiganiro ishirahamwe FOMI ryahaye abamenyesha amakuru cerekeye umwimbu n’itangwa ry’ifumbire vyo ku wa 31 Kigarama 2025.

Leave a comment

Cancel reply

Inkuru ziheruka

  • Ikiganiro ishirahamwe FOMI ryahaye abamenyesha amakuru cerekeye umwimbu n’itangwa ry’ifumbire vyo ku wa 31 Kigarama 2025.
  • ISHIRAHAMWE FOMI NTA TERABWOBA IRIKO IRAGIRA KUMUSHIKIRANGANJI AJEJWE UBUTUNZI MU BURUNDI
  • umwizero ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije butanze kw’ikena ry’ifumbire #Fomi.
  • Umugwi ukina umupira wa maguru w’u Burundi Aigle noir wakinye urukino na ASAS Djibouti Télécom yo mu gihugu ca Djibouti.
  • Abashikiranganji batatu (3) ba Reta ya RDC baragendeye ihinguriro FOMI.

Commentaires ziheruka

Aucun commentaire à afficher.

Category

  • Actualités (2)
  • Uncategorized (13)
  • Vidéo (4)

Twandikire

  • Route de l'Aéroport(RN5)-Zone Mutimbuzi
  • info@fomi.bi

Ibicuruzwa Vyacu

  • FOMI-IMBURA
  • FOMI-TOTAHAZA
  • FOMI-BAGARA
  • ISHWAGARA

Isaha zo gukora

  • Kuwa Mbere :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Kabiri :
    8.00- 17.00
  • Kuwa Gatatu :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Kane - Kuwa Gatanu :
    8.00 - 17.00
  • Kuwa Gatandatu :
    8.00 - 13.00
  • Ku wa Mungu :
    Turugaye

© 2025 FOMI- Designed by Manix MUGISHA.

  • Terms Of user
  • License
  • Support
dustra