
- FOMI nta menace canke iterabwoba iriko iragira ku mushikiranganji w’ubutunzi kuko isanzwe ikorana neza na Reta y’Uburundi.
- FOMI itanga ifumbire hisunzwe amasezerano ifitaniye na Reta y’Uburundi. Mur’ayo masezerano ibiharuro biba ari ivy’ibanze, ibiharuro nyezina MINEAGRIE ibimenyesha FOMI abarimyi bahejeje kuriha amahera y’ibanze ariyo vansi. Kubera ihimiriza rya Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi adasiba guhamagarira abarundi bose kwijukira uburimyi, ibiharuro vy’ifumbire ikenewe vyagiye biraduga kumwaka kumwaka. Uyu mwaka wa 2025ABC ibiharuro vyaduze ibice vyababa 20% nk’uko ibiharuro bitangwa n’ubushikiranganji bujejwe Uburimyi buvyerekana. Birashika aho abarimyi basaba ifumbire irenze iyiri mu masezerano kandi nivyo bikunda kuba. Kw’isizeni yose iyo ibiharuro biduze bigasumba ibiri mumasezerano Reta irabimenyesha FOMI. Reta ica ikora amatike ahuriranye n’ibiharuro vyose.
- FOMI itanga ifumbire gushika kumurimyi muri zone ikoranye n’abakozi bashizweho n’ubushikiranganji bujejwe Uburimyi (distributeurs zonaux). FOMI itanga ifumbire kumurimyi nawe agaha FOMI agatike yahawe na Reta y’Uburundi ibicishije mubushikiranganji bw’Uburimyi kerekana ifumbire aba yagomboye. Twomenyesha kandi ko ububiko bw’ifumbire ihabwa abarimyi butari muntara, buri mumazone kandi ababujejwe bashizweho n’Ubushikiranganji bujejwe Uburimyi.
- Reta iriha FOMI yisunze ubutike yonyene yemeje ko ariyo yabuhaye abarimyi kandi imaze gusuzuma neza ikabona ko ari ubw’ukuri.
- Amahera arihwa n’abarimyi kw’ifumbire (avance na solde) ntaja mukigega ca FOMI, aja mukigega ca Reta cagenewe kuyakira (PNSEB), akazoshikira FOMI ifumbire imaze gushikira abarimyi. FOMI irihwa amafranga ahuye n’ifumbire yahaye abarimyi.
- FOMI iripfuza ko umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta yoshira imbere ibiganiro gurtyo bikamufasha gushikiriza amakuru atohojwe neza. FOMI iriteguye gutanga umuco ku mushikiranganji w’ikigega ca Reta mugihe yoba abikeneye.