Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 8 Nyakanga 2025 Ishirahamwe rihingura ifumbire y’ ikirundi ivanze n’iy’ikizungu FOMI ryakiriye abashitsi bavuye mu gihugu ca Tanzania. Bari barongowe n’umukuru w’urwego rugenzura ivy’ifumbire mu gihugu ca Tanzania” Tanzania Fertilizer Regulatory Authority” ,Dr Antony Diallo.
Mw’ijambo ry’ikaze umuyozi mukuru wa FOMI Simon Ntirampeba yababwiye mu ncamake kahise k’uruganda. Umuyobozi mukuru yabasiguriye ingene bakorana n’ubushikiranganji bw’uburimyi ubworozi n’ibidukikije mu gufasha umurimyi kuronka ifumbire. Yabamenyesheje ko Reta ariyo ihamagarira abarimyi kwiyandikisha hanyuma hageze kuriha umwe wese akariha bivanye n’urugero hamwe n’ubwoko bw’ifumbire yipfuza. Yabasiguriye kandi ko amakamyo y’uruganda FOMI ariyo aheza agatwara iyo fumbire hagati mu gihugu kugira ngo umurimyi ayitore hagufi.
Bamwe muri abo bashitsi babajije ibibazo aho bipfuje kumenya nimba ifumbire ihingurwa n’uruganda FOMI yoba ikwira abarimyi, ko hoba hariho ayandi mahinguriro ahingura ifumbire kiretse FOMI. Umuyobozi mukuru akaba yabishuye kuri ivyo bibazo bitandukanye.
Dr Antony Diallo yararongoye abo bashitsi mu kiganiro yatanze, yamenyesheje ko baje kurahura ubumenyi kugira ngo bashobore kuhakura icirwa c’ukungene bokorana n’uruganda ITRACOM Fertilizer mu bijanye no kuronsa ifumbire umurimyi hagufi.
Akaba yamenyesheje ko bahungukiye ibitari bike bizobagirira akamaro mu gikorwa co kuronsa ifumbire abenegihugu. Yakeje indongozi za FOMI ku kungene bashoboye gukorana n’ubushikiranganji hamwe n’amabanki mu gikorwa co kuronsa ifumbire abenegihugu.