FOMI-Totahaza ni ifumbire ya organo-minéral yo gukingira isi ndimwa, kandi ikaba ifumbire y’azote (nitrogen) cane. Ikozwe kandi itunganijwe kugira ikoreshwe ku nyantete hamwe n’imboga.

Ibintu biyigize bifasha ibiterwa ni :

Azote (N) ku bice 21%,

Potasiyumu (K) ku bice 8%,

calcium(Ca) ku bice 4%,

Magineziyumu (Mg) ku bice 2%.

FOMI-Totahaza kandi ni ifumbire yunganira FOMI-IMBURA. Ikoreshwa igihe co kubagara.