Chaux Agricole ikorwa n’uruganda rwa FOMI ni ikinyabutabire ca calco-magnésien kigabanya umururazi w’isi ndimwa kandi kikongereza akanovera , kimwe no gutanga intungamubiri (Calcium na Magnésium) ku bitegwa. Ikorwa ivuye ku mabuye ya dolomite akurwa mu bice vy’akarere.