6
Imyaka 6 y’akazi dukorera mu gisata co guhingura ifumbire
Abo Turi
FOMI ni ihinguriro rikora ifumbire hamwe n’ishwagara ico bita mu gifaransa chaux agricole. Riri kwi barabara rikuru rya RN5, ku birometero 9 uvuye mu gisagara ca Bujumbura, hafi y’ikibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye.
Nk’ihinguriro rwa mbere mu Burundi rukora ifumbire, kandi rukaba rumwe muri bike biri mu karere, FOMI ifise intumbero yo kuba ihinguriro riukuru ry’ifumbire mu karere.
FOMI yiyemeje gukingira ibidukikije, kandi irashora amafaranga mu bushakashatsi n’iterambere kugira ishire ku masoko ubuhinga bushasha bw’akaroruhore.
ivyiyumviro vyacu ngendegwako
.akabirya
.Kurama
.Gushigikira abarimyi
.Ubuziranenge
.Gukingira ibidukikije
-
Ingingo ngenderwako yacu
Dushigikira abarimyi, amakoperative hamwe n’abakorera mu gisata c’uburimyi, mukubashikiriza inyishu zirama, ziteza imbere ukumera neza k'isi ndimwa, zikongereza umwimbu, kandi zigateza imbere gukingira ibidukikije mu gihe kirekire.
-
Imbono yacu
Kuba ihinguriro rihambaye kandi riyoboye muri aka karere mu gukora ifumbire ifise ubuziranenge bwizewe.
-
Ihangiro ryacu
Gukora ifumbire y’ibitegwa yo mu bwoko bwa organo-minéral hamwe n’ishwagara, bifise ubuziranenge bwo hejuru kandi mu bwinshi buhagije.
MU kwiyemeza kugwanya ihungabana ry’ibidukikije no gushigikira uburimyi burwanya ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe, ng’ibi ibijanye n’iterambere rirama duharanira
Guhindura imyanda ikaba ifumbire no guteza imbere ikoreshwa ry’amatungo y'ibidukikije.
FOMI irahindura imyanda mwi fumbire, gutyo ikagabanya ivyuka bibi vyonona ibidukikije kandi ikongera uburyo isi ndimwa ifata karubone.
Uguhingura wubahiriza ibidukikije
Dukoresha ubuhinga busukuye bugabanya imyuka mibi ihungabanya kandi bubungabunga ubuzima bw’ibidukikije.
Kugabanya ingaruka z’ihindagurika ry’ikirere
Mu guteza imbere akanovera k'isi ndimwa no gushigikira uburimyi , FOMI irafasha mu guhangana n’ihindagurika ry’ikirere no mu gutanga icizere cumwimbu mwiza mu gihe kirekire.
Indinganizo y'ihinguriro FOMI



