dustra
dustra

About

Gukomeza umwibu wuburimyi biciye mu gukora ifumbire mu gihugu

Kubera igabanuka ryakanovera kisi ndimwa abarimyi ntiboshobora kureka gukoresha ifumbire, iboneka nk’ikidandazwa c’ingenzi mu gihugu. Ariko, kwinjiza iyo fumbire birazimvye, haba kuri Reta canke ku barimyi, yaboneka naho igateba canke ntihaze iyikwiye.

Mu gutorera inyishu ico kibazo , uwikorera utwiwe afise inararibonye mu kwinjiza no gukwiragiza ifumbire yashinze ihinguriro mu gihugu rikora ifumbire ryiswe

Fertilisants Organo-Minéraux Industries (FOMI).

Iyo ntambwe ifasha mu gutanga icizere cibifungugwa bikwiye, mu kubungabunga ubwigenge bw’igihugu, mu gutanga akazi, no mu guteza imbere ubutunzi bw’amafaranga mva makungu.

FOMI kandi yarashize ahabona urubuga rwo gutumatumanaho, ruriho amakuru yago, rutuma abantu muri rusangi n’abarimyii babona amakuru yose yerekeye ibicuruzwa vyago.

dustra

Kubera iki wohitamwo twebwe?

Kwiyemeza guhingura ibicuruzwa vyubuziranenge , akabirya n’ugutanga serivisi nziza ku bakiriya.

  • Kubaha ibidukikije

    Ifumbire ya FOMI ikorwa yubahirije neza ibidukikije.

  • Ubuziranenge bwizewe

    FOMI yacu itanga ku mukiriya ibicuruzwa vyiza cane, bihuye n’amategeko asabwa, biciye ku bakozi b’intararibonye hamwe n’ibikoresho bigezweho.

  • Gutanga ibicuruzwa ku gihe

    FOMI ishobora kukuzanira igitigiri c’ibicuruzwa usaba mu gihe gito cane.

  • Twegereye abakiriya bacu

    FOMI irumviriza abakiriya bayo kugira igume inoza serivisi zayo no gukora ibintu bishasha.

dustra

Menya abayobozi bacu

Abagize Uburongozi Bukuru

Claudoir MAJAMBERE

Umuyobozi Ajejwe i Vy'ubutunzi

Jean Pierre NZOBANDORA

Umuyobozi Ajejwe i vy'ubudandaji

FOMI Burundi ikora ifumbire iramye ituma isi ndimwa irushirizaho kugira akanovera, ikongereza umwimbu kandi igateza imbere uburimyi mu karere.

Raba inkuru

2

FOMI ifise amahinguriro abiri akora neza mu karere, rimwe riri mu Burundi n’irindi muri Tanzaniya.