Gufasha abarimyi kugwiza umwimbu ni umwitwarariko w’uruganda FOMI. Ni muri iyo ntumbero urwo ruganda gwatunganije rubicishije mugisata co kwigisha no kumenyekanisha ivyo FOMI ihingura, inyigisho zigenewe abarimyi bahurikiye muma koperative ingene borima kijambere igiterwa c’ikigori.
Muri kino gihe c’irima ry’agatasi co mumwaka w’irima 2025-2026 A, intumwa za FOMI zikaba zarashitse mu mihingo itandukanye y’igihugu, basanga abanywanyi b’amakoperative ku kivi babashikiriza inyigisho z’ ukungene borima neza ikigori kugira baronke umwimbu ushimishije.
Izo nyigisho zishimikiye : gutera imbuto nziza, zirobanuye,gupima indimiro kugira umurimyi amenye urugero gw’ifumbire yokoresha, gutera kumirongo n’ibindi.
Kubw’izo nyigisho rero umurimyi akoresha ibiro 270 vy ifumbire ya FOMI imbura kuri hegitari imwe, agsiga santimetero 75 hagati y’umurongo n’uwundi, santimetero 50 hagati y’ibango n’irindi, mw’ibango ashiramwo amase y ikirundi ,ashiramwo na FOMI imbura uturumyo 2 tw’ifanta,akarenzako akavu gakeya, agatera intete 2 kandi azitandukanjye, ariko zikaja k’umurongo umwe,hanyuma agafurira neza k’uburyo atamazi atega mw’ibango hanyuma no kwitwararika umurima mu kuwubagarira kugihe ivyo nivyo bituma umurimyi w ‘ikigori aronka umwimbu ushimishije.
Abanywanyi b’amakoperative barashima cane izonyigisho mbere bamwe bagashinga intahe ko bahora babikora ukutariko bakavuga ko nabo bazoheza bakazikoresha mu ndimiro zabo mbere n’ababanyi babo bataronse izo nyigisho bagaheza bakabarabirako gutyo bakagwiza umwimbu w ibigori.