Urugendo abanyeshuri bo mw’ishure kaminuza ryigisha ivy’intwaro mu gisirikare bagize mw’ishirahamwe FOMI


Abanyeshuri bo mw’ishure kaminuza ryigisha ivy’intwaro mu gisirikare “Ecole de commandement Bataillon et de l’Etat Major” (ECBEM) ,bagendeye kur’uyu wa 24 Ruheshi ihinguriro FOMI.

Mw’ijambo ry’ikaze icegera c’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe FOMI Manyange Herménégilde yabakiriye,arabacira ku mayange icarico FOMI n’ibikorwa vyaryo.
Yabatumiriye gukurikira ireresi zibiri,imwe idondora neza uruganda FOMI, iyindi yerekana abashitsi b’icubahiro bamaze kugendera ishirahamwe FOMI kuva rivutse mumwaka w’ 2019.
Inyuma y’ivyo, ico cegera c’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe FOMI yasiguriye abo bashitsi aho ishirahamwe riteye mu guhingura ifumbire.
Ati:”ifumbire duhingura irahurumbirwa n’abantu benshi kuko hambavu yo kugwiza umwimbu, igasubiza akanovera isi ndimwa,iraha ivyunyunyu igiterwa gikeneye naco kigaha ivyunyunyu umubiri ukenera kubagifunguye ,gutyo abantu bakagira amagara meza.” Amenyesha ko muri ibi bihugu vy’akarere nka Tanzaniya ,Kenya, Ouganda, Nigeria , Malawi n’ahandi baguma basabako ihinguriro nk’iri ryohashika kugira rihe abarimyi ifumbire nziza z’akanovera zitandukanye n’ifumbire mvaruganda bakoresha kera. Yamenyesheje ko muri Tanzaniya ibirori vyo kwugurura icese uruganda ruhingura ifumbire y’ikirundi ivanze n’iyikizungu ITRACOM FERTILISERS bizoba kw’igenekerezo rya 28 Ruheshi 2025 ,bitewe iteka n’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Samia Suluhu Hassan ari kumwe n’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye .


Abo bashitsi barangirije urugendo rwabo mu ruganda, baraba uko ifumbire zihingurwa,n’uko uruganda rwagiye ruraguka.







