Umurwizatunga Adrien NTIGACIKA yaraye ahawe umubonano n’Umukuru w’Igihugu ca Tanzaniya

Uwo yatanguje uruganda FOMI mu Burundi mu 2019, mu nyuma akagura imbibe agashinga uruganda nk’urwo mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya, yakiriwe n’Umukuru w’igihugu Samia Suluhu Hassan igenekerezo rya 28 Rusama 2025. Bakaba baganiriye ku migambi iriko irarangurwa na FOMI muri Tanzaniya hamwe n’icokorwa kugira hagwizwe umwimbu w’ifumbire ihingurwa. Adrien Ntigacika aramutswa urunani ITRACOM HOLDING , yaherekejwe n’Umuyobozi mukuru wa Itracom Fertilizers Ltd , NDUWIMANA Nazaire. Imigambi irangurwa na Adrien NTIGACIKA ikaba iterera mu bijanye no gutsimbataza imigenderanire hamwe no guteza imbere ivy’ubutunzi hagati y’Uburundi na Tanzaniya.

Mu migambi afise yo kubandanya yagura akarere biciye mu gushinga amahinguriro mu bindi bihugu, Adrien NTIGACIKA yararungitse umwunganizi wiwe NIYOYANKUNZE Méthouchellah mu gihugu ca Ghana. Muri urwo rugendo rw’akazi igihugu ca Ghana kikaba cemeye gutanga ikibanza kizokwubakwamwo uruganda FOMI. Mwomenya ko uwo mwunganizi yabonanye n’icegera c’umushikiranganji ajejwe uburimyi muri Ghana. Aho co kimwe no mu bindi bihugu bakaba bariko bahurumbira ifumbire FOMI kubera irwiza umwimbu, igasubiza isi akanovera nkuko bimaze kwibonekeza mu Burundi, Tanzaniya n’ahandi.