Bungabunga isi, rwiza umwimbu n’ifumbire FOMI

Aha mubona ni mu Gihugu c’Uburundi, umutima wa Afrika mu ntara ya Kayanza, aho ITRACOM SEED AND AGRICULTURE, ITRASAGRI mu mpfunyapfunyo, ishirahamwe ryishinze guteza imbere igisata c’imbuto zirobanuye, mu bihugu uruganda FOMI rusanzwe ruhinguriramwo ifumbire y’ikirundi ivanze n’iy’ikizungu, ifasha gusubiza isi akanovera, igafasha no kugiza umwimbu, haraciye imyaka irenga 5.

Kugira hatuzwe za ndwara ziva ku gufungura nabi, inzara n’ubukene, gutyo dushikire rya terambere rirama ridushikana kuri ya mbona kazoza y’Igihugu cifashe mu 2040 kandi giteye imbere mu 2060, uburimyi ni karahara mu ruganda ntibacure.

Kugira uburimyi bufashe gushika kuri iryo hangiro, n’uko buba butunganijwe kijambere mu gutegura neza isi ndimwa, mu gukoresha neza ifumbire nziza, imbuto zirobanuye hanyuma ibisigaye ni umuhezagiro w’Imana.

 Aha mubona ni muri komine Muruta, ahariko habera ubushakashatsi bujanye no kugwiza imbuto zirobanuye z’igiterwa c’ikiraya. Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ITRASAGRI Dr. Deo Guide Rurema ari kumwe n’abo bakorana,  abakozi b’uruganda FOMI n’abamenyeshamakuru yarishikiye ku kivi kugira yirabire aho ibikorwa bishitse inyuma y’amezi atanu aheze iryo shirahamwe rivutse. Atangura atubwira icatumye iryo shirahamwe rivuka, n’ibikorwa rirangura.

DCIM\101MEDIA\DJI_0383.JPG
Uburimyi bwubakiye

Ukugwiza imbuto zirobanuye si igikorwa coroshe. Bisaba gukurikirana ku ntambwe zitandukanye ikura ry’izo mbuto. Nko ku biraya, batangurira mu nzu zabigenewe, bakaja mu kuzitera mu mirima, gushika batanguye kuzironsa abarimyi.

Ahazoterwa imbuto zizoba zivuye aho muri serre
Aha niho hazoterwa imbuto zizoba zivuye muriyo nzu(serre)

Imbuto zivuye mu nzu zigwirizwamwo, zikazoca ziteragirwa muri iyi mirima mubona.+images d’insert.

Ishirahamwe ITRASAGRI, ririko riragira ubushakashatsi bujanye no kugwiza imbuto zirobanuye no muri komine Gahombo, ahari imirima minini y’igori n’ibiraya. Iyo mirima uyiravye, irateye igomwe kandi iri ku misozi ihanamye ahantu umenga uburimyi ntibwoshoboka bivanye n’ingene hameze. Umuyobozi mukuru wa ITRASAGRI Dr. Guide Rurema aratubwira ubuhinga bakoresheje kugira Imirima ibe iyiteye igomwe nkuko muyibona.

Ibiraya vyafumbijwe ifumbire za FOMI

Ifumbire ya FOMI ngo uyikoresheje mu murima ntiwicuza haba ku mwimbu canke ku magara y’abantu. Muri ITRASAGRI barayigerageje, Umuyobozi mukuru wa Dr Deo Guide Rurema  akaba avyerekanira mu mirima bageragerejemwo ifumbire FOMI.

eKunywanisha uburimyi n’ubworozi no gukingira ibidukikij

Mu bushakashatsi ITRASAGRI ikora, ntiyasize inyuma kunywanisha umurimyi, ubworozi n’ibidukikije. Mu mirima bakoreramwo ubushakashatsi, usanga bateramwo n’ibiti bibana n’ibiterwa. Hambavu y’ivyo bakaba bafise ubworozi.

Elt 5 Mu mezi atanu ITRASAGRI imaze, iryo shirahamwe rikaba rimaze guha akazi abantu barenga 300, rikaba kandi rije gusahiriza mu butunzi bw’Igihugu biciye mu gutanga amakori n’amatagisi.